Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Ashley Girukwishaka > Inkuru > Ikorwa ry’isanamu "Waya Waya"ryabaye akananira bahinga
Ikorwa ry’isanamu "Waya Waya"ryabaye akananira bahinga
vendredi 3 Ndamukiza 2015
Ikorwa ry’isanamu y’ururirimbo "Waya Waya" rwa Ashley yagize ingorane z’umuhinyanyuzi yoyikora kubera isaba kwitonderwa. naho biri uko, inyuma y’ukwezi ishobora kuja ku mugaragaro.

Haheze iminsi havugwa ikorwa ry’isanamu y’ururirimbo "Waya Waya" rwa Ashley, ariko gushika ubu isanamu ntirakorwa, twegereye umuririmvyikazi Ashley atubwire ingorane isanamu yiwe yagize. Ashley yishura ati:" Isanamu yatanguye kugomba gukorwa na JB Production ku buntu kugira kandi iyo nzu y’ubuhinyanyuzi imenyekane, ariko uko nashaka ko ikorwa siko nabo bashaka kuyikora. Twapfuye ibitari bike nko kwambika abantu 13 bazoja mw’isanamu n’ibindi, hama mpitamwo kuyikurayo".
Twashatse kumenya uwugiye gukora iyo sanamu, Ashley ati:"Nashaka ko yokorwa na Paci ariko nawe afise akazi kenshi, ubu ndiko niyumvira ko twokorana na Andy, kandi nipfuza ko mu kwezi kumwe yoba yaheze gukorwa".
Igituma rero Ashley arondera umuhinyanyuzi afise ibikoresho n’ubuhinga n’uko ashaka ko iyo sanamu yoja kw’isoko mpuzamakungu y’umuziki, eka n’amahera atari make yokuyikora yaramaze kuyegeranya.
Mwomenya ko mu mpera z’ikiganiro twagiranye na Ashley yatubwiye ko yipfuza ko abaririmvyi bo mu Burundi boronka uko bagurisha indirimbo zabo nk’uko bikorwa mu bindi bihugu.
Cherif Nkeshimana