IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Ashley Girukwishaka > Inkuru > Ashley yagiranye amasezerano n’abazodandaza indirimbo ziwe

Ashley yagiranye amasezerano n’abazodandaza indirimbo ziwe

mercredi 26 Munyonyo 2014

Ashley iyo ari mu gihugu ca Kenya ariko akora cane ibijanye n’akazi kiwe k’umunyamuziki. Kuva ashika muri Kenya, yashikiye mu biganiro ku nsamirizi n’imboneshakure. Ubu naho Ashley yagiranye amasezerano n’abagurisha indirimbo.

JPEG - 32.3 ko
Ashley ahejeje gushira umukono ku masezerano na "Room Tech"

Inyuma yo gutumirwa mu biganiro ku nsamirizi n’imboshakure KBC iri i Nairobi muri Kenya, agakorana indirimbo n’umuririmvyi Chopha, Ashley aherutse kugirana amasezerano na "Room Tech" . Iyo nzu isanzwe ikora ibijanye no kumenyekanisha ibikorwa vy’abaririmvyi, igiye gukorana na Ashley. Amakuru aduha iyo ari muri Kenya, atubwirako azohora atanga amasanamu y’indirimbo ziwe kuri Room Tech iyo nayo ikazigurisha.

Mbega Ashley azokwunguka gute?

Isanamu z’indirimbo za Ashley zizondandazwa na Room Tech, incuro isanamu izorabwa "download" biciye mu vyobita "SMS Media" n’amahera azoba yinjiye. Uko amezi atatu aheze, Ashley azotora amahera azoba amaze kuboneka.

N’intambwe ikomeye aho abaririmvyi b’abarundi basigaye baja kurondera isoko y’indirimbo zabo mu makungu. Ikindi basabwa gukora indirimbo z’akanovera hamwe n’amasanamu agezweho kugira indirimbo zabo zigugwe.

Umviriza wongere urabe isanamu y’ururirimbo "Me Love u" rwa Ashley na Ellyz Boy


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.