Ashley avuga ko ikorwa ry’umuziki mu Burundi ridatunganijwe neza

Yanditswe na Cherif NKESHIMANA
Kuya 27 octobre 2017 saa 05:04
Yasomwe : 6822
0 0

Ashley agiye gushira ahabona video y’ururirimbo aherutse gusohora. Uwo muririmvyikazi aravuga igituma adakorana cane n’abaririmvyi bo hanze mu gihe abandi baririmvyi bagenzi babirukira. Aranavuga agahaze ku gituma indirimbo ndundi zitavuzwa cane hanze y’igihugu.

Inyuma yo gusohora uririmbo yise "My Level", Ashley amenyesha ko na video yarwo igihe kuja ahabona vuba. Iyo video nyene iriko ikorerwa mu gihugu ca Kenya n’umuhinyanyuzi Jay akorera mu nzu y’ubuhinyanyuzi yitwa Starlit Films Production.

Ashley mu kiganiro yagiranye na IGIHE, avuga ko yamushimye kubera akora neza, abandanya avuga ko ivyo bibonekera mu ma video amaze gukorera abaririmvyi nka Khaligraph, Noti Flow n’abandi.

Inyuma y’ibijanye n’iyo video, Ashley yabajijwe igituma adakorana n’abaririmvyi bo mu gihugu arimwo narirya abandi baririmvyi b’Abarundi birukira kurondera gukorana na bo mu bindi bihugu kugira bagerageze kuduza amazina yabo.

Kuri ico kibazo, yishuye ko wewe abona hatagera, ati :" Ntegerezwa kubanza kwubaka izina ryanje, kuko gukorana n’abaririmvyi bageze kure mu muziki bisaba kwitegura cane".

Ku kibazo caho abaririmvyi b’Abarundi bidoga ko indirimbo abo zitavuzwa mu karere ka Africa y’Ubuseruko, ndetse no mu makungu, Ashley, ati :
" Haravuzwa indirimbo za Kidum gusa, abandi nka Fizzo, Satb eka jewe nyene ubwanje ntituzwi. Ni naco gituma nakubwiye ko ndiko nihatira kwubaka izina ryanje aha ndi".

Ashley asanzwe akora n’urundazwa, yabajijwe ko kudandaza no kuririmba bishobora gukorerwa rimwe, yishuye ati :" Biroroshe kuko n’ikibazo c’umwanya gusa".

Girukwishaka yabajijwe ikiziritse umuziki ndundi kikawubuza kudatera imbere, yishuye ati :" ikorwa ry’umuziki mu Burundi ntiritunganjijwe neza". Yagiriye ko asaba ko ikorwa ry’uwo muziki ryohinduka rihereye mw’ishirahamwe ry’abaririmvyi "Amical des Musiciens du Burundi" hamwe n’abarigize.

Umviriza aho munsi ururirimbo "My Level" Ashley aherutse gusohora


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha