Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igiteramo cagakura caraye kibaye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Inkuru > Igiteramo cagakura caraye kibaye

Igiteramo cagakura caraye kibaye

lundi 18 Munyonyo 2013

Igiteramo cataziriwe “Sat-b in Nyanzobe” caraye kibereye muri Kany City canke Kanyosha city kw’Itaba kwa Vyisi. Igiteramo nyezina cagiye nk’igihe c’isaha 18h 38 aho abantu isinzi baraho baguma basaba kumubona narirya bari bamukumbuye mu biteramo.

Sat-B umuririmvyi w’umurundi akomeye agira ashike imbere y’abakunzi biwe, amatara yo ku ruhimbi baririmbirako yaciye azima, hama humvikanye induru z’umunezero ziva hirya no hino,aca aseruka yambaye ikirato cera kimeze nk’icigisirikare, I pantaro yirabura n’agapira kirabura nyene n’aya marori akinga imishwarara y’izuba kandi hari mw’ijoro.

Kuva ubwo ibintu vyaciye bihinduka abari bacungereye umutekano vyabagoye cane kurinda abakunzi ba Sat-b kuja aho ariko araririmbira kuko vyaboneka ko bamufitigye igishika kidasanzwe. Ibintu vyarabaye igitangaza kuko Sat-b yaratera n’abo bakitabira nk’uko womenga izo ndirimbo baziteguriye hamwe. Yararimvye indirimbo nka”Naramwishe”, “ikinyamugigima”,” afise amanyama”, hamwe n’indirimbo”Nyanzobe”yakunzwe cane ari nayo yitiriwe ico giteramo, Iyo yagiye kuvuzwa abantu bari mu munezero w’indimbo. Abaraho barashoboye kwumva n’ijwi rya Alida ava mu gihugu c’Urwanda asanzwe yarakoranye ururirimbo na Sat-b.

Icibonekeje n’uko abatumire haje abari bake nka Dj Jackson asanzwe ari we afasha Sat-b(Manager), Sam Over Mix, Wanaves Kikose(umurwi asanzwe aririmbamwo), n’abamenyeshamakuru batandukanye ntibari batanzwe, abandi nka Lolilo na Loliane ntibabonetse muri ico giteramo. Ikindi twashoboye kubona n’uko imirwi yose yari yateguwe kugumiriza Sat-b yaronkejwe umwanya ukwiye.

Muri Bukivilab National Towers, Sat-b azobandanya agirisha ibiteramo bishusha n’ico caraye kibereye mu Kanyosha, hazoba ari mu ntara za bubanza, Cibitoki, Gitega na handi.

Umvirize ururirimbo”Naramwishe”.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.