IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Inkuru > Imodoka Ikoh yahaye Satb ryabaye ibanga ribangirwa ingata

Imodoka Ikoh yahaye Satb ryabaye ibanga ribangirwa ingata

lundi 16 Ntwarante 2015

Intangwa ry’imodoka ishirahamwe Ikoh yahaye Satb ririmwo ibinyegezwa vyinshi, yaba SatB ntashaka kuvuga ikintu na kimwe kijanye n’imodoka yahawe, eka no muri Ikoh ntibantanga umuco kw’itangwa ry’iyo modoka.

JPEG - 115.6 ko
Satb hagati na Amili na Douce ariko ashira umukono ku masezerano

Amakuru atangwa na Douce Djumapili arongoye Ishirahamwe Ikoh Multiservice (Directrice de Ikoh) aremeza ko ishirahamwe arongoye ryahaye imodoka umuririmvyi SatB. Avuga ko iyo modoka bayimuhaye mu ntumbero yo kumuha ikimwunguruza. Mu kiganiro twagiranye na Douce, ntatomora ko iyo modoka ari nshasha, agaciro kayo, canke ko izosubizwa ishirahamwe inyuma y’amasezerano y’imyaka ibiri ishirahamwe rifitaniye na SatB. Douce kandi ntatomora neza igituma iyo modoka bari kuyiha Satb ntibahamagare abamenyeshamakuru basanzwe bakorana cane na Ikoh, ikindi gitangaje n’uko ata n’ifoto yafashwe igihe Satb bamuha urupfunguruzo rw’iyo modoka. Douce kuri ivyo bibazo aguma yishura ko ivyo biri mu masezerano ari hagati ya Ikoh na Satb. Aravuga kandi ko bazotanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru, ariko ntavuga umunsi canke ukwezi, narirya Satb amaranye iminsi itari mike iyo modoka.

JPEG - 63.1 ko
Imodoka yahawe Sat b

Ku rundi ruhande, Satb nawe nyene bibonekako adashaka gutanga amakuru ajanye n’iyo modoka bivugwa ko bamuhaye. Tumusavye aduhe ifoto yayo n’inomero ndangamuduga "plaque" zayo, Sat b yaciye yinumira. Eka nta mafoto menshi y’iyo modoka Sat B aratangaza nk’uko tumumenyereye ashira ibintu vyiwe kuri facebook.

Tubibutse ko igihe Satb yagirana amasezerano yo gukorana na Ikoh, abamenyeshamakuru babimenyeshejwe, biranavugwa kandi birandikwa mu binyamakuru vyinshi, ariko itangwa ry’iyo modoka ryagumye ari ibanga.
Tuguma turondera gushika turonse amakuru atomoye kuri iyo modoka ya SatB.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.