IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Inkuru > Ivyahora bibitswe nk’ibanga kuri Sat B vyamenyekanye(amafoto)

Ivyahora bibitswe nk’ibanga kuri Sat B vyamenyekanye(amafoto)

samedi 7 Ruhuhuma 2015

Ivyahora bibitswe nk’ibanga kuri Sat B vyamenyekanye, hasohotse itangazo aho uwo muririmvyi yagiranye amasezerano yo gukorana na Ikoh Multiservice. Iryo tangazo ntirivuga imyaka amasezerano azomara.

JPEG - 87.3 ko
Sat B hagati y’umuhinyanyuzi Amili na Zainabu jumapili batazira Doudouce

Ishirahamwe IKOH MULTISERVICE ryatangaje ku mugaragaro ko rigiye gukorana n’umuririmvyi BIZIMANA Karume Aboubacar azwi kw’izina rya Sat B. Muri iryo tangazo, handitse ko bahora bamufasha bisanzwe bariko baramwihweza. Ikoh iravye yasanze Sat B ari umuririmvyi yitaho cane akazi kiwe, afise ico ashaka gushikako, bashaka rero kumufasha gutera imbere.

Narirya Sat B abaye umuririmvyi wa mbere ashize umukono ku masezerano yo gukorana na Ikoh, iryo shirahamwe ryemeye ko rizomufasha mw’iterambere ry’umuziki wiwe haba mu Burundi no mu makungu, ikoh izomufasha kandi gukora ibintu birashe n’ukumenyekana nk’umunyamwuga abushitse (Visibilité plus structurée, professionnelle et orientée)
Tubajije abajejwe gutanga amakuru muri IKoh, bavuga ko ayo masezerano azomara imyaka ibiri.

Umviriza ururirimbo "satura amabafle" Sat B yasohoye mu kwezi kwa Gitugutu 2014, ku masezerano na African Sound Records.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.