Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Inkuru > Urukundo Sat B akunda Uburundi rwatumye imfura yiwe ayita Burundi
Urukundo Sat B akunda Uburundi rwatumye imfura yiwe ayita Burundi
mardi 25 Ruhuhuma 2014
ku minsi yari amaze yiteze ikiva mu mbanyi umufasha wiwe yari amaze amezi icenda yibungenze, abarundi bayamaze bati :"iyitavyaye inyana ivyara ishuri", yaraye yibarutse umwana w’umukobwa, amwita "Burundi".

Umwana w’umukobwa w’ibiro 4, niwe yaraye abaye icamwa c’urukundo hagati y’umuririmvyi Bizimana Abdul Karim azwi kw’izina rya Sat-b n’umufasha wiwe Nelly Ortence Inabeza. Yavukiye mu bitaro vyitiriwe Umuganwa Karori " Prince Regent Charles,. Ni imfura y’umuririmvyi Sat b na Nelly. Mu migenzo y’ikirundi se w’umwana niwe atanga izina ry’ikirundi ku mwana. Se w’uwo mwana ntiyatevye kumuha izina rya Burundi Leila.
Sat-b avuga ko kugira yite umwana wiwe Burundi ari uko akunda igihugu ciwe. Abivuga muri aya majambo:"Imana yampaye Uburundi nkunda, ubu ndabukorera nzobugwa inyuma na none reka ndabuhe akaganuke k’umwana nise Burundi. Numva mfise inkomezi zivuye kwa Rurema." Mu minsi iri mbere, ururirimbo rushimagiza Imana n’uwo mwana ruzosohoka, nk’uko vyemezwa na Sat B , se w’umwana. Ubu rero amenyesha ko agiye kwitwa nk’abandi bagabo, abakunzi biwe ngo bagiye kumwita Papa Leila.
Tubamenyeshe ko uwo muririmvyi ashobora kutazokwitaba ibiteramo bitatu yogirishije mu bisagara 3 vyo muri Afrika y’epfo. Imvo zishobora kuba zitamuvuyeko, kuko abamutumiye ntibaraheza kumurungikira ivya nkenerwa vyose vy’urugendo.
Chérif nkeshimana
Messages
25 Ruhuhuma 2014, 14:49, par Kevin
Niyonkwe, aragahabwa namungu,avyar abashoboka.
25 Ruhuhuma 2014, 20:19, par Sebastien
Uwo muryango ndawifurije "gusubirayo ntamahwa ariyo"bavyare Gahungu na Kobwa
25 Ruhuhuma 2014, 23:03, par Nduwimana
Yooo!Sinahorandagukunda Ariko,nciyendagukunda Kubera,ukunda Igihugu Iyaba,abarundi,bosebiyunvirankawe,
26 Ruhuhuma 2014, 07:59, par sivyubu
Niyonkwe.Mana ubajimbere bazoronke nakandi
28 Ruhuhuma 2014, 12:39, par IKORIBITANGAZA Eliezel
Nukuri Niyonkwe!Uwo Mwana Imana Imurinde Akabi Kose Shukulani
28 Ruhuhuma 2014, 14:54, par Noel imakamba
Imana imujimbere muvyyakora vyose uburundi bwose turikumwe nawe,amen
29 Ndamukiza 2016, 17:45, par Kwizera Vital
Sat murabamakar ntimuburubeya ubu ugiy kuba sewumwan