Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urukundo Sat B akunda Uburundi rwatumye imfura yiwe ayita Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Inkuru > Urukundo Sat B akunda Uburundi rwatumye imfura yiwe ayita Burundi

Urukundo Sat B akunda Uburundi rwatumye imfura yiwe ayita Burundi

mardi 25 Ruhuhuma 2014

ku minsi yari amaze yiteze ikiva mu mbanyi umufasha wiwe yari amaze amezi icenda yibungenze, abarundi bayamaze bati :"iyitavyaye inyana ivyara ishuri", yaraye yibarutse umwana w’umukobwa, amwita "Burundi".

Umwana w’umukobwa w’ibiro 4, niwe yaraye abaye icamwa c’urukundo hagati y’umuririmvyi Bizimana Abdul Karim azwi kw’izina rya Sat-b n’umufasha wiwe Nelly Ortence Inabeza. Yavukiye mu bitaro vyitiriwe Umuganwa Karori " Prince Regent Charles,. Ni imfura y’umuririmvyi Sat b na Nelly. Mu migenzo y’ikirundi se w’umwana niwe atanga izina ry’ikirundi ku mwana. Se w’uwo mwana ntiyatevye kumuha izina rya Burundi Leila.

Sat-b avuga ko kugira yite umwana wiwe Burundi ari uko akunda igihugu ciwe. Abivuga muri aya majambo:"Imana yampaye Uburundi nkunda, ubu ndabukorera nzobugwa inyuma na none reka ndabuhe akaganuke k’umwana nise Burundi. Numva mfise inkomezi zivuye kwa Rurema." Mu minsi iri mbere, ururirimbo rushimagiza Imana n’uwo mwana ruzosohoka, nk’uko vyemezwa na Sat B , se w’umwana. Ubu rero amenyesha ko agiye kwitwa nk’abandi bagabo, abakunzi biwe ngo bagiye kumwita Papa Leila.

Tubamenyeshe ko uwo muririmvyi ashobora kutazokwitaba ibiteramo bitatu yogirishije mu bisagara 3 vyo muri Afrika y’epfo. Imvo zishobora kuba zitamuvuyeko, kuko abamutumiye ntibaraheza kumurungikira ivya nkenerwa vyose vy’urugendo.


Chérif nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.