IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Inkuru > Mw’ihiganwa "Kora Awards", Sat-b afise ikibanza ciza, n’ubu asaba amajwi (...)

Mw’ihiganwa "Kora Awards", Sat-b afise ikibanza ciza, n’ubu asaba amajwi menshi

mardi 22 Ndamukiza 2014

Uburundi buguma butera imbere muri ryahiganwa"Kora Awards". Uuririmvyi Sat-B ari muri iryo higanwa yasubiriye kugirirwa amahigwe yo kuja ku rutonde rw’ibihangange mu muziki wa Afrika. Abaririmvyi 20 ni bo bari mw’ihiganwa.

Ihiganwa "Kora Awards" ryavuye mu gice ca Afrika y’Ubuseruko, ryafashe Afrika yose, bamwe mu baririmvyi baramaze gusezera muri iryo higanwa. Ibendera y’Uburundi iriko iboneka mw’ishusho ry’umuririmvyi Sat-B ariko aseruka muri"Kora Awards". Urutonde uwo muririmvyi ariko ni urw’ibihangange vyazobereye mu muziki haba muri Afrika eka no mu makungu. Aha tuvuga abaririmvyi nka Kofi Olomide, ba Fally Ipupa ba Teddy Afro n’abandi bazwi cane kw’isi, ariko rero Sat-B bari kumwe mu rutonde kandi ashobora no kubatsinda, mu gihe yohabwa amajwi menshi. Gutorwa kenshi niko guha amahirwe umuririmvyi ari muri "Korwa Awards".

Sat-B akeneye amajwi menshi kugira abandanye aja imbere mw’ihiganwa. Ukaba wipfuza guha amahigwe Uburundi mu gutora Sat-B, genda ku murongo wa Facebook wa "Kora Awards", uca ubona urutonde ruriko abaririmvyi 20 bariko barahiganwa n’amasanamu yabo. Sat-B ari ku nomero 20, uca ufyonda mw’isanamu yiwe (Photo) hama wandike izina "sat-b"uzoba umuhaye amahigwe yogutsindira "Kora Awards".

Tubibutseko ari we muririmvyi wenyene w’umurundi ari muri iryo higanwa.

Raba aha munsi urutonde Sat-b ariko


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.