IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Inkuru > Ntawuzi icatumye Sat-B ataririmba mu giteramo ca Primusic kandi yari ku (...)

Ntawuzi icatumye Sat-B ataririmba mu giteramo ca Primusic kandi yari ku rutonde

mardi 2 Nyakanga 2014

Sat B yarizewe kuba umuserukizi w’ishirahamwe BRARUDI mw’ihiganwa rya Primusic. Ku rutonde rw’abaririmvyi bari kuja ku ruhimbi ku munsi wa nyuma w’ihiganwa rya Primusic 2014, Sat-B yarimwo, ariko uwo munsi ntiyaririmvye.

JPEG - 32.6 ko
Uko Sat b yavyifatamwo mu buserukizi bwa Primusic

Ku rutonde rw’abaririmvyi bari bategekanijwe mu giteramo ca nyuma c’ihiganwa rya Primusic, Sat B yategerezwa kuririmba imbere ya Big Fariouz, hanyuma hagahereza Jose Chameleone ariwe yugara urutonde rw’abaririmvyi. Mu gihe hari hageze umwanya wa Sat B wo kuja ku ruhimbi kuryohera abakunzi biwe, bivugwa ko bamurondeye bagasanga ngendanwa yiwe izimije. Fizzo amaze kuja kuri ruhimbi "Podium", Sat B yarabonetse mu kibanza cari categuriwe abaririmvyi.

Aba n’abandi bari aho bavuga ko Sat B yoba yashatse kuririmba inyuma ya Fizzo. Kubamenyereye uko intonde z’abaririmvyi zikorwa ku munsi w’igiteramo, bavuga ko abaririmvyi babatondeka baravye uko barutana gukundwa.
Twaragerageje kubaza Sat B icatumye uwo munsi ataririmba, narirya ko abakunzi biwe batahengeshanya gusaba ko yoririmba, uwo yatubwiye ko inyishu ku bibazo vyose azoyitangira ku kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uwo wa kane kiriko gitegurwa n’inzu ihinyanyura imiziki "African Sound Records" isanzwe ifitaniye amasazerano na Sat B.

Tubibutse ko Sat B yari mu baserukizi b’ishirahamwe BRARUDI mw’ihiganwa rya Primusic 2014. Uwo muririmvyi yaravyifashemwo neza cane mu biteramo vyose vyakozwe, nta giteramo yasivye canke acererwe, canke aririmbe mu kibanza kitari iciwe kubera imvo izi canke ziriya. Muri ubwo buserukizi, yari kumwe na Fariouz nawe nyene atavyorosha eka na Patient Matabaro.

Amwe mu mafoto y’uko Sat B yakirwa n’abanyagihugu mu ntara zabereyemwo igiteramo ca Primusic.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.