IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Inkuru > Sat b agiye kwunga ubucuti n’abaririmvyi bo mu Rwanda

Sat b agiye kwunga ubucuti n’abaririmvyi bo mu Rwanda

mardi 1er Mukakaro 2014

Avuye mu ntara ya Muyinga aho ariko aserukira ishirahamwe rihingura ibinyobwa BRARUDI mw’ihiganwa rya Primusic, yaciye afata urugendo agana igihugu c’Urwanda. Icamuzindukanyeyo si ikindi atari isanamu y’ururirimbo ashaka ko ikirerwa muri ico gihugu.

Igihe abari bamaze iminsi mu gikorwa co gutora abaririmvyi baserukira intara za Kayanza, Ngozi na Muyinga muri Primusic batahuka, Sat b wewe yabandanije mu Rwanda. Yatumweko aho muri ico gihugu kugira akore isanamu y’ururirimbo "Nyandika". Nk’uko Sat b yabitumenyesheje, isanamu y’urwo ruririmbo ikorerwa muri "Inyarwanda.com, na Afrifame" vyo mu Rwanda.

Sat b abiha intumbero yo guhuza no kwunga ubucuti hagati y’abaririmvyi b’Abarundi n’Abanyarwanda. Uwo muririmvyi w’umurundi nta minsi agiye kumara muri ico gihugu kuko ibikorwa vy’ubuserukizi bwa Primusic birabandanya. Ku bwivyo yatumenyesheje ko ategerezwa kugaruka aho bukera kw’igenekerezo rya 02 Mukakaro.

Tubibutse ko Sat b ari kumwe na Fizzo na Patient Matabaro mu buserukizi bw’ihiganwa Primusic umwaka w’2014.

Fyonda aha munsi wumvirize ururirimbo "Nyandika"


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.