IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Inkuru > Sat – B arahakana ibivugwa ko yoba ari umu illuminate

Sat – B arahakana ibivugwa ko yoba ari umu illuminate

mardi 30 Mukakaro 2013

Inyuma y’aho umuririmvyi Sat- B atanguye kuja gukorera indirimbo mu Buganda ku muhinyanyizi Washington, akanaronka umutunganyabikorwa ( Manager ) Dj Jackosn hari abatanguye kuvugako Sat-B yoba ari umu ulluminati.

Bivuye kuma sigise amaze iminsi afise ku bakunzi b’umuziki mu Burundi, hari abatanguye kuvuga ko Sat-B yoba asigaye yarayobotse inzira y’aba ulliminati kuko biboneka ko afise igikundiro kidasanzwe bagereranije n’ico yarasanganywe mu muziki. Amakuru Sat-B yahaye ikinyamakuru IGIHE Burundi, yavuze ko ivyo bamuvugako atari vyo na gato. Yabihakanye agira ati: “muvy’ukuri ntabwo Sat-B noja muba illuminati na manager wanje ntiyovyiyumvira, kuko iyo umuntu afise ibintu vyiza ntiyobura kuronka abafana ikindi gusa ntawobuza abavuga gusa nibandeke mbege ubugari kuko bwacumbwe n’umuvyeyi wa twese”.

JPEG - 90.4 ko
Sat-B mu giteramo ca Primusic

Sat-B avuga ko yizeye ingabirano yiwe yo kuririmba kandi ayigenjejemwo neza izomushikana kure ku rugero rushimishije. Kurubwo rero ngo nta mpamvu yoja muvyo kurondera inguvu mu gukurikirana ibintazi. Abandanya avugako hari n’abantu benshi bamwandikira baciye ku rubuga rwa Facebook babimubaza maze akabibahakanira mugabo bakanka kuvyemera ngo kuko babona asigaye afise ibintu vyinshi vyahindutse mu muziki. Ariko ngo boshaka bakanavyemera kuko arobanura indiririmbo nziza nziza akaba arizo aja gukorera i Kampala. Ukuba naho asigaye akundwa n’abantu benshi ngo ntabisigura ko aja muba illuminate.

Ati: “ugukundwa biva ku kuntu nafashe intumbero yo gukora nitanze kugira ngo nzane ihinduka mu muziki wanje. "kukaba nkako, avuga ko kuva na kera indoto ziwe ari ugushikana umuziki wiwe ku rugero mpuzamakungu kuko abona abandi benshi bamenyekanye cane ata gikomeye bamurusha, uretse kuvyitaho no kuronka uburyo buhagije.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.