IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Inkuru > Sat b arahakana yivuye inyuma ivyo bamuvugako

Sat b arahakana yivuye inyuma ivyo bamuvugako

vendredi 7 Munyonyo 2014

Sat-b arahakana yivuye inyuma amakuru avuga ko yoba yarahagaritse amasezerano afitaniye n’inzu y’ubuhinyanyuzi African Sound Records.

JPEG - 59.1 ko
Sat b na Kidum

Nta musonga wishe ibire hagati ya Sat b na African Sound Records. Ivyo bivugwa na Sat b mu gihe hari urukurukuru ko uwo muririmvyi yoba yahagaritse amasezerano. Sat b yumvise ayo makuru yumiwe, ati : "Ivyo n’ibiki? Ico n’ikinyoma cambaye ubusa, African Sound turakorana kandi neza". Ayo makuru avugwa kuri Sat b asa n’amakuru avugwa ko Emery Sun na Beni Nkomerwa bashobora kuba barahevye gukorana n’iyo nzu y’ubuhinyanyuzi.

Ivyo Sat B yabitubwiye iyo ari muri Kenya, aho yagiye gukorerayo indirimbo atumweko na Kidum, bakaba baranakoranye n’ururirimbo "Ntakufwata". Sat b ntavuga aho azogarukira, ariko ashobora kumarayo indwi zibiri. N’aho biri uko, Kidum ageze mu gihugu ca Afrika y’Epfo mu biteramo. Sat b yandika ko azoba ari mu biteramo kw’igenekerezo rya 19 na 21 Kigarama, vyateguwe na Iko Multiservice.

Umviriza aha munsi ururirimbo "Mu gacerere" rwa Sat b


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.