IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Inkuru > Sat B asaba imbabazi, agasigura icamutumye asiba igiteramo ca (...)

Sat B asaba imbabazi, agasigura icamutumye asiba igiteramo ca Primusic

vendredi 5 Nyakanga 2014

Sat B arasaba imbabazi abakuzi biwe n’Abarundi bose kuko atashoboye kuririmba ku munsi wa nyuma wa Primusic. Ati :"Ukuntu nari niteguriye urya munsi, niho bitankunze ko nshikana ivyo nari nishimiye". Arongera ati : "Umuntu ategura ibi, Imana igategura ibindi". Imvo asigura zatumye asiba ntizumvikana neza.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, inzu y’ubuhinyanyuzi "African Sound Records" ifitaniye amasezerano na Sat B irasaba imbabazi, ariko abarongozi bati : "Sat b niwe yovuga ubwiwe icatumye asiba mu giteramo".

Insiguro za Sat B zatumye asiba igiteramo cari citabwe n’abantu isinzi

Sat B atangura avuga ko igenekerezo rya 30 Myandagaro ari umunsi ntibagirwa mu buzima bwiwe. Ntibagigrwa kuko yari yateguye kugira ibitangaza hamwe n’umurwi w’abatamvyi 14 yari yatoye kugira bamufashe. Abona ko yari gusumvya ivyo Chameleone yagize. Sat B avuga ko mu gitondo yazindutse mu myiteguro "Répétitions" gushika isaha icenda aho ngendanwa yiwe yibwa, agafata umwanya wo kuja kurondera imodoka imushikana kuri ETS. Ingorane ntizabaye izo gusa, amaze kuronka iyo modoka vyaranamugoye ko yinjira ahariko habera igiteramo. Ivyo vyose vyatumye acerwa iminota 15 gusa. Amaze gushika yarasavye iminota 10 gusa yo kuririmba ariko, baba abajejwe itunganywa rya Primusic canke abandi bari babijejwe nta wamuteze ugutwi kugira amenye ingorane yagize, gutyo ivyo yateguye biba birasivye. Ati :" Umuntu ategura ibi, Imana igategura ibindi".

Mbega African Sound Records ifitaniye amasezerano na Sat B ibivugako iki?

Abarongozi b’iyo nzu y’ubuhinyanyuzi bavuga ko imigenderanire yabo n’uwo muririmvyi itatosekaye, ari naco gituma bateguye ikiganiro co gusaba imbabazi imbere y’abakunzi biwe. Ahandi bibonekera ko imigenderanire itahungabanye, n’uko baciye bategura igiteramo c’agakura aho Sat B azokwereka abakunzi biwe ibitangaza yari yateguye kw’igenekerezo rya 30 Myandagaro, umunsi wari uw’igice ca nyuma ca PRIMUSIC.
Ibibazo vyinshi yabajijwe yaravyishura naho wamenga n’ukumukora mu nkovu, ahanini yishura ko amakosa yayagize ari naco gituma ariko asaba imbabazi, kandi aremera ko yahakuye icirwa.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.