IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Inkuru > Sat-b ngo ntazigera ahebana n’umugore wiwe Nelly

Sat-b ngo ntazigera ahebana n’umugore wiwe Nelly

jeudi 7 Ntwarante 2013

Mu minsi iheze hari amakuru avugako Sat-b ashobora kuba atakiri kumwe n’umukunzi wiwe Nelly azwi kw’izina rya Nelly-Sat yashikirijwe . Ariko kubwabo bavuga ko uretse no gutandukana ntanivyo barota bakora,ngo kuko iyoba abubakanye bose bumvikana nkuko bumvikana isi yohinduka paradizo.

Kubw’abo, bavuga ko uko iminsi igenda ihera ariko urukundo rwabo rugenda rurushirizaho gukomera.

JPEG - 10.9 ko

Sat- b n’umugore wiwe ubu babanye neza ntan’ingorane na ntoyi bafise atari abantu bavuga ivyo bishakiye.
Sat-b avugako umugore wiwe amufitiye akamaro kanini , haba mu buzima bwa misi yose ndetse no mubikorwa vyiwe.

Sat-b avugako kuva abana na nelly Sat, amufasha vyinshi muvyo agenda akora, haba mukumubera umuhanuzi w’ukuri, haba mukumuterera kugira ngo ashobore gukora umuziki wiwe neza kandi awushikane kurugero rushimishije.

Ngo nkiyo agiye kure, agenda atekanye azi ko urugo rusigayeho umuntu amukunda. Ivyo bikamwongereza inguvu zo gukora yumva ko atari wenyene.

Sat-b arangiza ashimira abakunzi biwe bose, kandi abamenyeshako ariko arakora n’umwete mwinshi kugirango mu mezi makeyi abe yashize ahabona Album yiwe nshasha izoba yitwa “REKA MBEGE”. Kandi avugako abamuvuga bamubeshera bakwiye kwisubirako bakaza baravuga ivyo bazi kuko ngo iyo uvuze ko abakundana bahebanye urushirizako kubongerera inguvu mu rukondo rwabo.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.