Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Inkuru > Sat B nta mu "manager" barahezanya ikiringo c’amasezerano yashizweko (...)
Sat B nta mu "manager" barahezanya ikiringo c’amasezerano yashizweko umukono
lundi 9 Ruhuhuma 2015
Sat B amaze gushira umukono ku masezerano yo gukorana na Ikoh Multiservice yanditse ko ashimye kuba agiye gukorana n’ishirahamwe rikomeye nk’iryo. Ntawuzi ko ayo masezerano azoheza neza ikiringo cayo kuko Sat B amaze kuvana n’aba "manager" batari bake.
- Sat B ariko ashira umukono ku masezerano yo gukorana na Ikoh Multiservice
Sat B yandika avuga ko ari mu maboko ya Ikoh Multisrvice, avyandika yishimira akazi bagiye gukorana kuko asa n’uwemera cane Ikoh nk’uko avyandika (Professionnal carrier). Sat B rero yoba amaze imyaka 12 canke 14 aririmba (nawe nyene ntayizi neza kuko hamwe avuga ko yasohoye ururirimbo rwa mbere mu mwaka w’i 2003 kwa Romeo, ahandi akandika avuga ko amaze imyaka 14).
Sat B yandika ati :"Mu maboko ya IKOH niho twibereye ubu...(Professional carrier ). Ngerageje guharura indirimbo ya mbere nayisohoreye muri MRM ahakora umuhinyanyuzi Roméo hari mu mwaka wa 2003. Kuva ico gihe ni jewe niruka muri vyose kugira menyekanishe ibikorwa vyanje. Nari mu mwanya umwe artist, manager na promotor wa jewe nyene".

Sat b yoba atazi imyaka amaze aririmba?
Abandanya yandika ati :"Nyuma y’imyaka 14 ntanguye umuziki ubu niho ndonse management nziza imbereye, ibikorwa vyanje naraye ndabishize mu maboko ya IKOH. Hari vyinshi nakora ku bushake bwo kuryohera aba fans banje kumbure ntibizoba bigishoboka. Ingendo nshansha, intumbero nshasha. Ibisigaye muze mubibaze iKOH. Ndangije nsaba mudusengere muri runo rugendo tugiyemwo".
Muri iyo myaka avuga amaze atanguye kuririmba, amaze kugirana amasezerano yo gukorana n’amashirahamwe abiri: Bukiv Lab ya DJ Jackson hamwe na African Sound Records ya Takis. Sat B yarakoranye kandi na Landry Mugisha amufasha ariko bivugwa ko ata masezerano yanditse bari bafitaniye. Abo bose bakoranye bafitaniye amasezerano, nta n’umwe bavanye ikiringo c’amasezerano giheze. Hari amakuru avuga ko yavanye na DJ Jackson kubera batakorana neza, muri African Sound Records yari ahafise amasezerano y’imyaka itanu ariko n’ibiri ishobora kuba itaheze. Hasigaye kumenya neza igituma uwo muririmvyi atawe bamarana kabiri.
Umviriza ururirimbo Buja Flava yakorewe na Akeza net yakoze afitaniye amasezerano na DJ Jackson.
Umviriza kandi "satura amabafle" Sat B akiri muri African Sound Records
Cherif Nkeshimana
Messages
10 Ruhuhuma 2015, 10:31, par BIZI
MUPENDA TUWIRI KAMOJA KARI MUPONYOKA•SAT B
10 Ruhuhuma 2015, 10:35, par BIZI
MUPETA TUWIRI KAMOJA KARI MUPONYOKA•SAT B
6 Nyakanga 2015, 07:39, par Ciza jacques
Mubisanzwe nareke kugum,ataratamba nyomba abikorakugirango amenyekane kurushaho natekereze nabandi barakanuye nka fizzo ntashobora kumujimbere mumuzikiw,uburundi dusabako muruyumwaka nagerageze gushits,amasezerano