IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Inkuru > Sat-b ntakiboneka cane i Bujumbura, ari mu Buganda gutegura album ya (...)

Sat-b ntakiboneka cane i Bujumbura, ari mu Buganda gutegura album ya kabiri

vendredi 22 Ruhuhuma 2013

Muri yi minsi umuririmvyi Sat-b ntagikunda kuboneka mu biteramo vyahano i Bujumbura. Bamwe bakibaza ko yaba atakiririmba canke yoba afise iyindi ngorane itazwi.

JPEG - 46.1 ko

Igihe.bi yumvise ibibazo abantu bafise kur’uwo muririmvyi, yamurondeye imubaza neza igituma atakiboneka mu biteramo i Bujumbura.We avuga ko igituma ataja ahabona, ariko ategura album y’iwe ya kabiri mu gihugu c’Ubuganda. Ngo ivyo bituma aza i Bujumbura gake agaca asubira muri Uganda kubandanya ibijanye niyo album yiwe.

JPEG - 20.1 ko

Avuga kandi ko ico giteramo co gushira ahagaragara iyo album yiwe gitegekanijwe i Bujumbura hagati y’ukwezi kwa Ndamukiza n’ukwa Mukakaro.

Ico giteramo ngo kizoba gikomeye kuko azoba ngo yazanye abacuraranzi benshi bakomakomeye bo mu bihugu vya Afirika y’ubuseruko mbere n’abo mu mahanga ya kure.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.