IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Inkuru > Sat-B yasavye imbabazi Big Fizzo, Patient Matabaro na Lolilo

Sat-B yasavye imbabazi Big Fizzo, Patient Matabaro na Lolilo

lundi 9 Ruheshi 2014

Ururirimbo "What’s my name" rwa Big Farious rwakirikiranye n’ibintu bidasanzwe aho hari hanafashwe n’ingingo yo kudazosubira kuvuza indirimbo ziwe ku nsamirizi zimwe zimwe. Si ivyo gusa, Sat B na Matabaro barigeze gushwana bivuye kuri iyo ndirimbo. Sat-b aherutse kwandika asaba imbabazi abaririmvyi bagenzi we boba baragiranye ikibazo.

Inyuma ya "What’s my name" harasohotse indirimbo zo gutyozanya, eka na Sat-B ari mu basohoye ururirimbo nk’izo. Kuri ivyo vyose, Sat-B yahisemwo gusaba imbabazi, yanditse aciye ku murongo wiwe wa facebook, avuga uku gukurikira : "Mwiriwe neza bene data, mbasavye gusoma neza nogutegera iri tangazo

#brother big fizzo
#brother lolilo
#Patient matabaro

Reka mfate akanya kubasaba imbabazi haba ku ndirimbo canke kuri ico cose kibatyoza, nka mutoya wanyu mpabwe, imbabazi, mur kino gihe tugezemwo nasanze tutoha ikibanza kinini ishari no kutumvikana kuko murabona ko umuziki w’Uburundi ugeramiwe cane n’imvakure, twari dukwiye gufatana mu nda mu gusabana imbabazi tugasenyera ku mugozi umwe nk’uko abandi mu bindi bihugu babigenza, dore ndabivuze ntatinya nk’umuririnvyi afise kazoza kandi amaze kumenya ico ashaka gushikako…..
Mpabwe imbabazi kandi z’abafans bose ba BURUNDIAN MUSIC ndabibutse ko aha turi uno munsi siho tuzoba turi ejo haza”.

Inyuma y’iryo tangazo, ku murongo wa Facebook w’umurwi Wanajeshi Kamili uriko ishusho (photo) ya Farious, uwanditse yishuye mu rurimi rw’igiswahili ati : "Kijana Sat B ameomba msamaha General Fizzo, mnaona aje wana? Team Wanajeshi haina beef na yeyote, kama T-Max alivyosema tuna beef na njaa. Makamuzi bado yanaendelea!!
Bisigura mu Kirundi ngo : "Umusore Sat-B yasavye imbabazi General Fizzo, mubibona gute? Umurwi wa Wanajeshi nta ngorane ufitaniye n’umuntu n’umwe, nk’uko T-Max yabivuze dufitaniye ingorane n’inzara.. ibiryoshe birabandanya".

JPEG - 77 ko
Fizzo na T-Max bari mu murwi Wanajeshi Kamili

Mbega iyo umuntu yumvise muri we yosaba imbabazi aba yikengereje canke aba yiyubashe? Ubwo ntivyogira akamaro hagati y’abaririmvyi n’abakunzi b’umuziki w’Uburundi hamwe boreka guterana amajambo, n’uwo ritorotse akibuka gusaba imbabazi, nk’uku Sat-b yabigize?


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.