IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Inkuru > Sat-B yipfuza gukorana n’ibihangange bizwi cane mu muziki

Sat-B yipfuza gukorana n’ibihangange bizwi cane mu muziki

mardi 18 Ruhuhuma 2014

Mu rugendo azogira mu gihugu ca Afrika y’epfo, umuririmvyi Sat-B ashobora kuzoca agirana amasezerano n’umuhinyayuzi Abdul, kandi abona ko vyomugirira akamaro kanini. Ayo masezerano aje mu gihe ayo bari bafitaniye n’umuhinyanyuzi Jackson atifashe neza.

Umuririmvyi Sat-b afise urugendo ruzomushikana mu gihugu ca Afrika y’epfo kw’igenekerezo rya 29 Ruhuhuma 2014, aho azoba yitavye ubutumire bwo kuremesha ibiteramo bitatu mu bisagara 3 nyene vyo muri ico gihugu.
Muri urwo rugendo, Sat-B yipfuza kuzoca agirana amasezerano n’igihangange mu guhinyanyura indirimbo Dj Abdul. Akarusho azoronka hamwe bogirana amasezerano na Abdul, Sat-b avuga ko uwo muhinyanyuzi akora bigashimwa kandi arazwi cane ku mugabane wa Afrika yose kubera ubuhinga afise. Sat-b abona ko nk’amasanamu y’indirimbo ziwe yohora aja mu mahiganwa muri Afrika no mu makungu kubera yaba akozwe n’abahinga karuhariwe, ubu bigiye kumutuma amenyekana gusumba.

JPEG - 64.6 ko
Umuririmvyi Sat-B

Tumubajije ko amasezerano bari bafitaniye na BukivLab irongowe na Dj Jackson bayahagaritse, Sat-B yishura ati : Amasezerano ya jewe na Jackson ntagenda neza kuko jewe sinshaka uwo nkorera ariko nawe ntashikane kure ivyo nkora. Naho yompemba amahera atagira uko angana, igikuru n’uko izina Sat-B rigera kure mu vy’umuziki."

Mwomenya ko igihe azoba ari mu gihugu ca afrika y’epfo, uwo muririmvyi azoca aboneraho akaryo ko gukora amasanamu y’indirimbo Nyanzobe, Maisha hamwe ni yindi atashatse kuvuga izina imbere y’uko isohoka.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.