Menya ivyo Natacha yakoze imbere y’ugufata akaruhuko

Yanditswe na Cherif NKESHIMANA
Kuya 4 juillet 2017 saa 05:00
Yasomwe : 14445
0 0

Umuririmvyikazi Natacha arashima umwimbu w’igice ca mbere c’umwaka. Ku bw’ivyo Natacha kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 3 Mukakaro yafashe indege imushikana mu gihugu c’Ubutariyano, aho yagiye mu karuhuko n’umuryango wiwe.

Ari kumwe n’umugabo wiwe Alfredo Frojjo aturuka muri ico gihugu nyene, hamwe n’abana biwe Nziza Leilla na Giulio Frojjo, eka n’uwo bavukana Rosa Ngendabanka, baraye bashitse mu Butaliyano. Amakuru ava mu begereye uwo muririmvyikazi yaheruka gushimirwa n’umukuru w’igihugu avuga ko ata kindi kimujanye n’umuryango wiwe atari gufata akuruhuko, kanatsinda igice ca mbere c’umwaka cagenze neza.

Mbega Natacha yakoze iki mu gice ca mbere c’umwaka w’i 2017 ?

1. Yarasohoye indirimbo yongera akora n’isanamu y’ururirimbo Abarundikazi

2. Yaratunganije igikorwa cogufasha abavyeyi bageze muzabukuru bo muri Kinama, aho yabafashije mu kubaha amasafuriya, ibitenge, amasabuni, umuceri n’ibiharage.

3. Yaratunganije isabukuru yahariwe ururirimbo ruhayagiza umukenyezi igice ca kane, aho yatumiye Linda Alindi aturuka muri Kenya.

4. Yarasohoye amajwi n’amasanamu y’ururirimbo "Gerageza" yakoreye mu gihugu ca Tanzania

5. Yaratunganije kandi igiteramo yise "Gerageza Show" cabereye kuri Black and White.

Tubibutse ko Natacha yaheruka guhabwa agashimwe n’Umukuru w’Igihugu. Ikindi twobibutsa n’uko agiye mu karuhuko mu gihe afise ibikorwa vyimirije, aha tuvuga igiteramo Dunda na Buja Fm2017 hamwe n’igiteramo categuwe n’Insamirizi n’Imboneshakure vy’igihugu (RTNB).


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha