IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Natacha NGENDABANKA > Inkuru > Abaririmvyikazi boba bamaze guhunga ibihe Uburundi burimwo

Abaririmvyikazi boba bamaze guhunga ibihe Uburundi burimwo

vendredi 8 Rusama 2015

JPEG - 116.7 ko
Natacha ku kibuga c’indege ca Bujumbura

Yafashe indege kw’iigenekerezo rya 24 Ndamukiza, ico gihe yavuga ko azomara muri Tanzaniya iminsi itarenga 10. Iyo minsi yaheze kw’igenekerezo rya 04 Rusama bisigura ko ku minsi yatanze hamaze kurengako iminsi 4. Ivyo biri uko mu gihe, kuva kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza, Uburundi bwinjiye mu bibazo vy’umutekano muke bivuye ku myiyerekano, aho abantu benshi bahunze, bishoboka ko n’uwo muririmvyi yoba yabaye arikinga kugira icuka gisubire kuba ciza mu Burundi.

Iruhande ya Natacha hari na Emelance Emy nawe n’umuririmvyi amaze iminsi mikeyi agiye mu Rwanda, eka nawe yoba yarahunze kuko ata giteramo canke intumbero y’urugendo yavuze nk’uko yahora abigira. Imbere y’uko Emelance agenda yanditse ati:"We are tired(Turarambiwe) !! Dushaka amahoro tuze turage kazoza keza abana bacu."

Natacha rero yari yagiye guheraheza isanamu y’ururirimbo " East Africa Tunaweza" yakoranye na Banana Zoro wo muri Tanzaniya. Muri iyo minsi 10 nyene, Natacha yavuga ko azokorana ururirimbo n’umuririmvyikazi Shaa w’i Tanzaniya.

Umviriza ururirimbo "Amani" Natacha n’abandi 10 baherutse gusohora.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.