Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuririmvyikazi NATACHA ni nde?Amaze gukora iki mu muziki? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Natacha NGENDABANKA > Inkuru > Umuririmvyikazi NATACHA ni nde?Amaze gukora iki mu muziki?

Umuririmvyikazi NATACHA ni nde?Amaze gukora iki mu muziki?

samedi 14 Ntwarante 2015

Nguwo Natacha atanguye kuririmba mu bana bo kw’ishengero, ico gihe yatanguye guterwa intege n’ababanyi bamwumva ariko asubiramwo indirimbo zo mw’ishengero, ijwi ryiwe rikabaryohera. Se wiwe yitavye Imana Natacah afise imyaka 12, ntivyamuciye intege zo kubandanya akunda kuririmba cane cane yisunga indirimbo zo mw’ishengero Chorale.

Natacha yinjiye ido ni do mu muziki ku myaka 14

Mu mwaka w’i 2001, ku myaka 14 n’iho uwo yatangura kwiserura nk’umuririmvyi aho yasubiramwo indirimbo z’abandi (playback) yongera azitamba. Aho yari mu murwi Ra Fridays. Yakunda cane cane indirimbo ziri mu midiho ya Hip Hop n’imidiho yo muri Afrika y’Epfo. Muri iyo midiho niho yakura abaririmvyi yagenda yisunga, abo ni nka: Whitney Houston, Brenda Fassie, Angelique Kidjo, Tchala Muana na Lokua Kanza.

Mu 2005 yarateye intambwe, aho yatangura kuremesha ibiteramo vya Karaoke, aho yarasubiramwo iz’abaririmvyi bagezweho hamwe na zimwe ziwe. Ico gihe yarafise ururirimbo rwiwe yise "Mawe" ruhayagiza umukenyezi w’umupfakazi. Mu mwaka w’i 2011, Natacha yahuye na Alfredo Frojo.

Alfredo Frojo bamenyanye vyagenze gute mu muziki wa Natacha?

Alfredo Frojo umu Taliyano yashimye Natacha ukuntu aririmba neza maze amushira mu murwi "Club Band"waririmbira kuri Hotel Club du Lac Tanganyika. Ico gihe Natacha yaciye atangura guha intumbero umpano ziwe.

Nk’uko nawe yakuze ari impfuvyi yitaho cane kuvuga ubutumwa bw’abantu bamerewe nabi

Natacha intererano yiwe mu kibano yayicisha cane cane mu ndirimbo ziwe no mu bikorwa. Akarorero ni "defile de mode" yabaye mu mwaka w’i yateguye yagizwe n’abantu bafise ingorane zo kutavuga kandi ntibumve(sourds-muets). Muri Ndamukiza mwaka w’i 2014, yatanze imfashanyo kuri bamwe mu banyagihugu bo mu ma "quartiers" yo mu Buraruko bahuye n’ivyago vy’imvura.

Ibiteramo bikomeye yagize

Mu Burundi: Iruhande y’ibiteramo agirisha kuri Club du Lac Tanganyika, kuva mu mwaka w’i 2014, yatanguje isabukuru ritegurwa n’abaririmvyikazi. Iyo sabukuru iba uko umwaka utashe kw’igenekerezo rya 08 Ntwarante, ku munsi mukuru mpuzamakungu wahariwe umukenyezi. Amaze kugirisha ibiteramo vyinsh muri "Centre Jeunes Kamenge". Mu mwaka w’i 2012 yagiriye igiteramo mu kigo c’Abafarasa(IFB). Aramaze kuremsha ibiteramo biteguwe na UNFPA(Fonds des Nations Unies pour la Population".

Hanze y’Uburundi:
- Muri Munyonyo 2014, yatahukanye agashimwe akuye mw’isabuku SICA ribera muri Benin kubera ururirimbo "Uburundi bwacu" ruri mu mudiho wa uvanze akaranga n’umuziki wa none"tradi-moderne,

- mu mwaka w’i 2009, ari kumwe n’umurwi TROUBADOURs bagiye i Mascarate muri Oman, uwo mwaka yagirishije ibiteramo mu Rwanda i Kigali ni Nyamata,

Amasanamu amaze gukora n’inkurikirane

- Mu mwaka w’i 2012, Natacha yashize ku mugaragaro urukurikirane rwa mbere yise "Mawe mwiza". Rugizwe n’indirimbo 10, harimwo "Mawe mwiza", ururirimbo ruvuga ubwiza bw’umukenyezi no kwitanga kwiwe. Urwo rukirikirane rwakorewe mu gihugu c’Ubutaliyano.
- Mu rukurikirane"Mawe Mwiza", indirimbo 6 ziramaze gukorerwa amasanamu(video),
- Natacha aramaze gukora kandi isanamu 6 z’indirimbo ziri mu mugambi ariko akorana na UNFPA
- Urukurikirane rwa kabiri yise "Isuzume", rumaze kujamwo indirimbo 2, harimwo "JIJUKA" rwatowe na UNFPA mu mugambi wo guhimiriza kuvyara ku rugero.

Mu nkuru ikurikira tuzobabwira Natacha uwari we haba mu rukundo na Alfredo Frojo n’umuryango wiwe, haba ubutunzi afise n’ibindi akora atari kuririmba, hamwe n’ico amariye umuryango wiwe duatiye ku kiyago twagiranye n’umuvyeyi wiwe.

Umviriza urabe n’isanamu y’ururirimbo "Uburundi Bwacu" rwatsinze muri SICA 2014


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.