Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Natacha NGENDABANKA > Inkuru > Umuririmvyikazi Natacha ari mu bashimiwe n’umukuru w’igihugu NKURUNZIZA
Umuririmvyikazi Natacha ari mu bashimiwe n’umukuru w’igihugu NKURUNZIZA
dimanche 2 Mukakaro 2017, par
Natacha Ngendabanka,umuririmvyikazi,yagomwe n’umukuru w’Igihugu c’Uburundi ku bikorwa vyiza akora mu guteza imbere umuziki ndundi no kuwumenyekanisha mu makungu. Ivyo ni ivyavuzwe na Petero Nkurunziza arongoye igihugu c’Uburundi.

Kubw’ivyo,Natacha yahawe agashimwe k’umuliyoni n’inusu y’amarundi(1.500.000frbu).
Ivyo vyabereye mu birori vyo guhimbaza imyaka mirongo 55 Uburundi bumaze bwikukiye.
Twobibutsako Natacha,aririmba cane cane indirimbo ziha agaciro abapfasoni,eka n’indirimbo zihayagiza igihugu. Ubwo butumwa abucisha mu biteramo akorera mu bihugu vyo muri Afrika n’iburaya.
Cherif NKESHIMANA