Mkombozi yateguye igiteramo ciwe ca mbere i Kigali

Yanditswe na IGIHE
Kuya 15 septembre 2016 saa 01:17
Yasomwe : 28431
0 0

Umu "Rappeur" Nzeyimana Thomas azwi cane kw’izina rya Mkombozi agiye gukora igiteramo ca mbere mu Rwanda, inyuma y’imyaka igera kw’icumi amaze akora umuziki.
Mkombozi yamenyekanye cane mu ndirimbo ziwe nka “East Africa”, “Mchezo wa Ndani”, “Hasta la victoria siempre” na “Nzeyimana” yasohoye mu mwaka w’2014. Mu kiganiro yagiranye na IGIHE, Mkombozi yavuze ko amaze imyaka ibiri mu buhungiro ndetse ko mu bihugu vyose yagezemwo yagiye ahakorera ibiteramo. Yavuze ko amaze ukwezi kumwe yimukiye i Kigali, (...)

Umu "Rappeur" Nzeyimana Thomas azwi cane kw’izina rya Mkombozi agiye gukora igiteramo ca mbere mu Rwanda, inyuma y’imyaka igera kw’icumi amaze akora umuziki.

Mkombozi yamenyekanye cane mu ndirimbo ziwe nka “East Africa”, “Mchezo wa Ndani”, “Hasta la victoria siempre” na “Nzeyimana” yasohoye mu mwaka w’2014. Mu kiganiro yagiranye na IGIHE, Mkombozi yavuze ko amaze imyaka ibiri mu buhungiro ndetse ko mu bihugu vyose yagezemwo yagiye ahakorera ibiteramo. Yavuze ko amaze ukwezi kumwe yimukiye i Kigali, ariko ko ahafise iminsi mike, mu nyuma akerekeza ku mugabane wa Buraya. Mkombozi avuga ko yanse kugenda atiyeretse abakunzi biwe, ari naco gituma yateguye ico giteramo, ari naco ca mbere agiye gukorera mu Rwanda.

Yagize ati : “Mu Rwanda ndahamaze ukwezi kumwe, ndi mu buhungiro nkabandanya kubifatanya no gukora umuziki wanje, nari mvuye i Kampala na Abidjan naho hari abafana benshi […] Nipfuje kuza kuba mu Rwanda, mu gihe ibibazo bitarakemuka iwacu, ariko ndahafise igihe gito nkaca nja i Buraya.”

Yongera avuga ati : “Nanze kuja i Buraya ntaririmbiye abafana, nzohagaruka inyuma y’amezi abiri, kugenda ntakoze igiteramo bakazokwumva na none nagarutse ntivyoba bisa neza.”

Ico giteramo ca Mkombozi kizobera kuri Car Wash, kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 17 Nyakanga 2016, akazoba ari kumwe na Sat B, RFlow bompi bo mu Burundi, hamwe n’abaririmvyi b’Abanyarwanda nka Uncle Austin, Bruce Melody, Sat B, RFlow, Elvis Shaggy n’abandi.

Kwinjira muri ico giteramo ni amafaranga igihumbi c’amanyarwanda mu bibanza bisanzwe, hamwe n’ibihumbi bitatu mu bibanza vy’icubahiro, bizotangura isaha icenda z’umuhingamo, gushika isaha cumi na zibiri z’umugoroba.


Kumenyekanisha

1
ninbona irene 20-07-2017 à 12:34
2
iradukunda taïga 21-12-2016 à 09:06

mkombozi turamwemera afise ibitekerezo vyiza

3
Ndikuriyo Elic 15-12-2016 à 20:52

Jewe. Nkunda Mukombozi Kuruta Porotike Yiburundi. Nanje Icosaba Mukombozi.Azeyirinde Amamajo Mbo Yabamwanka.

4
Therence ndayishimiye 20-09-2016 à 16:19

nne woza muburundi ntitwokunyegeza ?

5
kamenge elvis kamenge 18-09-2016 à 17:20

mkombozi ni Jesus gusa.uwo ni mukimbizi !!!

6
69853905 18-09-2016 à 16:47

azayizi

7
Musaga 17-09-2016 à 07:38

Concert imwe y’i Kigali iruta izo yogirira mu Burundi 20, nyinyi wa DD muko wajinga tout,ntimuzipfa mugeze ku Rwanda kubera ubujuju bwanyu

8
K 16-09-2016 à 14:53

Aje i Burundi ngo mwomumesa, yabatwaye iki se, ujinga ni mzigo kabisa

9
K 16-09-2016 à 14:53

Aje i Burundi ngo mwomumesa, yabatwaye iki se, ujinga ni mzigo kabisa

10
Mudabwa 16-09-2016 à 07:32

Wihendugaruke Muburundi Wirabi Icubonawabwawe

11
Nene Joy Nelson 15-09-2016 à 22:14

Karibu sana concert nziza turagukunda turagukumbuye me hama uzo wigore ushike mu Ntara yawe mavuko iwacu I Makamba

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha