IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Mkombozi > inkuru > Mkombozi yandikiye abamuhaye ubutumwa inyuma y’ururirimbo aherutse (...)

Mkombozi yandikiye abamuhaye ubutumwa inyuma y’ururirimbo aherutse gusohora

jeudi 23 Ndamukiza 2015

Inyuma yo gusohora ururirimbo PAPA NZEYIMANA, Mkombozi yandika avuga ko yabonye ko ururirimbo rwakoze ku mitima ya benshi bivanye n’ubutumwa yandikiwe canke buciye bamuhamagaye bamushimira.

Mkombozi yanditse ati:" Ndazi neza y’uko naho wodigadiga gute uwuriko arasha mumuriro adashobora kugutwengera. Nagira mfate akakaryo nshimire abarundi mwese, ku kuntu mwakiriye indirimbo yanje PAPA NZEYIMANA, kuko niyo ndirimbo yanje ya mbere ndi mu mahanga ikaba ariyo ndirimbo nshoboye guhamagarwa n’abantu batandukanye, bariko bararira abandi bandungira amajwi muza whatssap viber...bariko barira kubera ugukorwako nayo. Ndabashimiye cane bimwe bivuye k’umutima. Jah bless Burundi, Jah bless my Fans.Turikumwe.Hasta la Victoria Siempre".

Tugaruke ku majambo akurikira ari muri urwo ruririmbo:

"Présidence si parking y’ingendo za buri musi...
Présidence si parquet yo gucira imanza abagabo mutavuga rumwe,...
Inkuru itari nziza kuri jewe si inkuru, kuko umutwe utagira ubwenge uruhisha amaguru. Gutwara ni ukwiruka, si ku mupira gusa, wirukange ku butungane, wirukanze ubukene, ntiwirukanze abo bagabo ubona mutavuga rumwe. Nimba wizera, wizere Imana ntuyikinishe n’amasengesho fake nk’umushatsi w’ama mèches, ntuzodufuke amaso mu kwirigwa mu masengero. Ukunde kandi wubahe ibwirizwa shingiro, uryandike mu mutima ntiwizere impapuro, Ufate impuzu zera wambike aba patriotes buzuye mu Mpimba kubera ivyiyumviro vya politike. Ntuzokwubake ama stades nk’uwiteguriye coupe du monde ata mahinguriro dufise, nurushinge ruva hanze. Nta gihugu na kimwe kw’isi gikenye, ivyiyumviro vy’abagitwara nivyo biba bikenye."

Umviriza kandi ururirimbo PAPA NZEYIMANA


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.