Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mkombozi:"Iyo Yezu yaba kw’isi mwari ku mukubita ku d’etat, mufise icaka co (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Mkombozi > inkuru > Mkombozi:"Iyo Yezu yaba kw’isi mwari ku mukubita ku d’etat, mufise icaka co (...)

Mkombozi:"Iyo Yezu yaba kw’isi mwari ku mukubita ku d’etat, mufise icaka co gutwara"

mardi 5 Rusama 2015

Mkombozi nawe avuga ati:" Nimba Abarundi batagushaka kuki wewe utobashimira kubona baraguhaye amahigwe yo kubarongora? Mbe ko mwigira abasenzi ivyo nivyo Bibilia yabigishije?Yezu yari kuba ngaha kw’isi mwari kuhava mu mukubita ku d’etat kuko mbona mufise icaka n’ubusazi bwogutwara"

"Ndababwire ncuti zanje, Uburundi ni co gihugu cacu c’isezerano, kuri ivyo rero tukazoreka ko Uburundi bwacu bugenda uko nk’amazi atemba tutazi iyo agana, tuzoba twihaye ububwa n’izina "impunzi" rizokwama ririkumwe natwe gushika ku buzukuru n’abuzukuruza bacu bazocika GENERATION Y’IMPUNZI. Kuri vyo rero duharanire agateka kacu ariko ntiturwanire agateka kacu, ariko mu gihe bizoshika uwufise agateka kacu yanse kukaduha mu nzira yo kugaharanira, tuzoce tukarwanira. Urugamba tuzorutsinda kuko n’Imana izoba iri kumwe natwe, kuko niyo yaduhaye Uburundi, kandi sinibaza ko Imana yaduhaye UBURUNDI kigirango duturubikwe, dufatwe nk’abaja ariko yabuduhaye kugira iyo tuvuye mu bindi bihugu, bikadufata nabi mu kudusomboroza canke mukuturenganya. Uburundi buzobe buraho mu kuduhumuriza no kuduhoza amarira y ivyago twaronkeye mu mahanga. Ubu Uburundi ni bwo buturenganya tukagira akoyoko turi mu mahanga. Kuber iki?? Kuki tuba mu bihugu no kuja mu matora bisaba ko baguha uruhusha kandi ufise imyaka irenga 18?"

Abandanya yandika ati:" Kuki tuba mu bihugu kugirango turonke karangamuntu yabo bisaba imyaka, n’ibibazo bitandukanye bariko baratwiga neza, mbe tubaye Biologie, maths canke turi section canke faculté??? KUKI ABARONGOZI BACU BAKUNDA UBU CHAUFFEUR NK’ UWUHERUKA KW’IGA IMODOKA CANKE KUYIGURA??? Mbe murongora Abarundi canke muri rongora?? Nimba Abarundi batagushaka kuki wewe utobashimira kubona baraguhaye amahigwe yokubarongora???
Mbe ko mwigira abasenzi ivyo nivyo Bibilia yabigishije? Ukuntu ndababona nibaza ko, nimba Yezu yari kuba ngaha kw’isi mwari kuhava mu mukubita ku d’etat kuko mbona mufise icaka n’ubusazi bwogutwara.
Murakoze cane Mana hezagira Abarundi bagowe batagoye hanyuma ubahindure abagoye kandi bagowe.
@ Mkomboking.
HASTA LA VICTORIA SIEMPRE"

Tubibutse ko uwo muririmvyi avuga ko yahunze igihugu c’Uburundi kubera bivugwa ko yoba yariko ahigwa kugira agandagurwe.

Umviriza ururirimbo PAPA NZEYIMANA rwa Mkombozi


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.