Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Hari insamirizi yanse kuzovuza ururirimbo rushasha rwa Mkombozi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Mkombozi > inkuru > Hari insamirizi yanse kuzovuza ururirimbo rushasha rwa Mkombozi

Hari insamirizi yanse kuzovuza ururirimbo rushasha rwa Mkombozi

mercredi 24 Kigarama 2014

Inyuma y’iminsi mikeyi ururirimbo rwa Mkombozi rugiye ahabona, hari insamirizi zitanguye kwiyamiriza ururirimbo. Mkombozi ati:"Itoshi si ikoroboyi rizimwa n’umuyaga".

Mkombozi ari kumwe na Chance yamufashije mu ruririmbo "Nzeyimana"

Amajambo nkoramutima avuga ku bintu bimwe bimwe bibera mu Burundi iriko irabwa ribi na zimwe mu nsamirizi. Mkombozi yandika avuga ko hari umumenyeshamakuru wo kuri Rema Fm yabujijwe kuvuza ururirimbo "Nzeyimana" kandi yahora ari mu batangaza cane indirimbo ziwe. Mkombozi yandika asa n’uwutahura uwo mu menyeshamakuru kuko atogabira abakoresha(hamwe yovuza ururirimbo yoba agabiye umukoresha wiwe). Insamirizi Rema Fm yafashe ingingo yo kutazovuza uririmbo "Nzeyimana" ko rwoba rutyoza ubutegetsi biciye mu majambo aririmbamwo.

Mkombozi yandika mu ruririmi rw’igiswahili ati:"Tochi sio kibatali halizimwi na upepo", bisigura ko "itoroshi atari ikoroboyi izimwa n’umuyaga".

Mkombozi twamurondeye tumubaze ico abivuga ko ariko ngendanwa yiwe irahamagara ariko ntiyitaba. Mbega nawe urwo ruririmbo wumva rutyoza canke ruvuga ibiriho?
Umviriza nawe ururirimbo ugire ico uvuze: ko rwohagarikwa canke ko rwovuzwa


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Aho ho yovuzwa na bake kuko ndumva bose babavuga:kuva ku bafise za NGO z’uturima twabo, abo muri CNDDFDD, abo kwa Sinduhije(yifitiye passport....).
    Uyu muhungu numuhanzi kweli!!!!!

  • Yavuga nuko Atavura!!!Ariko arabe neza Atabizira mbona ivyubu BIGOYE!

  • Ntaho yaha yahengamiye nihamwe uwukuravyeuriko urafungura uvuga ngo ariko agusega.yakoke kuri keta amakosha akora,Adc uko igaya ivyo leta igaya,sinduhije hamwe nabihebeye Imana yarabavuze.none mwe mutwara mushaka ko baririmba ivyiza kandi mukora n ibibi vyinshi?mutamuhitana ndazi ukuri kurazirwa.

  • Araraba atabizira kuko ukuri kurababaza,icavuga nakazi kiwe,courage sha type.

  • Birantangaje kwumva ko hari abantu bameze uko:
    - Uwakunda kuvuga nabi Leta akanka kuvuga ivyiza vyayo ni CNDD FDD? : Opposition
    - Uwagumuye aba jeunes yifitiye passeport agaca agenda ni Leta? : Sinduhije
    - Uwishe Rwagasore canke Ndadaye ni Leta ya DD?: Les gouvernements passés et autres inconnues
    - Umupatiri yavyaye ni DD?: Peut-être ça touche toute personne qui fait ce qu’il ne devrait faire!
    - Uwishe ba nyamwema ni CNDD FDD na Leta yayo?=> Wapi!
    - Uwagwanije ibikorwa rusangi ni CNDD FDD?=> Haba namba.

    Conclusion: UWUSHAKA KUKURYA NTABURA IMBOGA AGUKOZA.
    Courage àMkombozi, ico cerekana ko atavuza induru mu bugararwa! Abwira abumva n’aho bica amatwi. Felicitations, le message est passe!
    JOYEUX NOEL A TOUS!

  • Sha nivuzwenyene aboba DD bigira nsindabibazwa gusesamaraso nukunyuruzivyigihugu na gatotezo kubanyagihugu narindi yigirumukizwa IMANA yo irabibona winday is winday

  • AHO REMA.FM YIFATIRA.INDIRIMBO NIKUBERA IKIRABA.INZAFIZZO.NZARAHANGATSE.NINZAMUKOMBOZI HOHOBARATURONDERA.AHA.REMA FM.IBONA KISUMBA BONESHA.NIBAZIVUZE.KUBERA.BARIRIMBA.IBIGEZEHO.HARUMUNTU BARABESHERA.HEMUNZOBONAHO REMA.FM YIFATIRA.INDIRIMBO NIKUBERA IKIRABA.INZAFIZZO.NZARAHANGATSE.NINZAMUKOMBOZI HOHOBARATURONDERA.AHA.REMA FM.IBONA KISUMBA BONESHA.NIBAZIVUZE.KUBERA.BARIRIMBA.IBIGEZEHO.HARUMUNTU BARABESHERA.HEMUNZOBONAHO REMA.FM YIFATIRA.INDIRIMBO NIKUBERA IKIRABA.INZAFIZZO.NZARAHANGATSE.NINZAMUKOMBOZI HOHOBARATURONDERA.AHA.REMA FM.IBONA KISUMBA BONESHA.NIBAZIVUZE.KUBERA.BARIRIMBA.IBIGEZEHO.HARUMUNTU BARABESHERA.HEMUNZOBONAHO REMA.FM YIFATIRA.INDIRIMBO NIKUBERA IKIRABA.INZAFIZZO.NZARAHANGATSE.NINZAMUKOMBOZI HOHOBARATURONDERA.AHA.REMA FM.IBONA KISUMBA BONESHA.NIBAZIVUZE.KUBERA.BARIRIMBA.IBIGEZEHO.HARUMUNTU BARABESHERA.HEMUNZOBONA?

  • ni hasta la victoria siemple, mkombozi ivyo avuga nivyo ahubwo uwobimuziza harico yoba yiyotsa

  • REMA FM nibavuze iyo ndirimbo NZEYIMANA kuko ivuga ibiriho,nibatayivuza tuzoyivugiriza muma flash disc,carte memoire nama cd.Mkomboz niyirambire.

  • Yesu yaranswe nabanu n’Isi iramwanka ariko yarabambwe arapha arazuka kumusi ugira gatatu azukana intsinzi.na Radio RMF nimwanke mkombozi,ariko kumusi ugira gatatu azokwicarana n’abategetsi.murakoze

  • nimubureke ubwo bunyugunyugu butondere.kuko Bibiriya ivuga at uwuzohonya ico ataremye azokibaza agihanigwe.

  • Ururirimbo jewe nunvayavuze ibintuvyunvikana kandibibaho kandi atamusiwohera bitabaye ururirimbo nibarureke uruvuzwe kandi barekekumurondera kukontacaha jewembona afise nibamureke arengane abanwishiranwo nabo ntacobazomugira nikubera ubutegetsibubu turiko umumengo ntamutegetsi dufise

  • IYO NDIRIMBO ABAYANKA NABASHAKA UKURINTIKUJE AHABONA ;BANDANYA NIYINDI UBURUNDI BWANSEGUTUNGA KUBERA ABAKUNDA INDAZABO

  • govuzwa cane gose

  • URURIMBO NZEYIMANA IRAKWIYE KUVUZWA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.