Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Isanamu y’ururirimbo"Impemburo" irimwo hanini ibara ryirabura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Amasanamu > Isanamu y’ururirimbo"Impemburo" irimwo hanini ibara ryirabura

Isanamu y’ururirimbo"Impemburo" irimwo hanini ibara ryirabura

mercredi 13 Rusama 2015

Isanamu y’ururirimbo SatB yatanze intererano yiwe ku biriko biba mu gihugu yasohotse. Ibonekamwo uwo muririmvyi hamwe yicurikiye ahandi ariko arabanguranya abariko barwana.

Isanamu y’ururirimbo "Impemburo" rwa SatB yaraye isohotse, irimwo cane ibara ryirabura ryoba rifitaniye isano n’amajambo ari mu ruririmbo, akarorero, Satb ati:"Ubayeho kubera ndiho naje ndiho ho kubera uriho. Nacumuye iki ko mbuze umutekano mu banje no mu vyanje ? Basogokuru barayamaze bati :" Ineza yiturwa iyindi aho hari kera ivyo mbona ubu ineza yiturwa inabi kandi niko bimeze. Yezu yacishe kubw’icumuro vy’abana b’abantu, uwo murimyi we yoba azize iki ?mbwira Mana. Igihe nzokubona nzokubaza igituma Abarundi barara inzara birirwa kandi ata ndya zibuze. Bantu, Ntimumere nka Yuda yaguze umwana w’Imana ?". Bishoboka ko umuhinyanyuzi Kent P yayishizemwo iryo bara ryirabura abisabwe ba Satb kugira amajambo aririmba ashuse n’isanamu.

Muri iyo sanamu, SatB nyene aboneka ariko abanguranywa abariko barwana, mu mpera naho aboneka, asa n’uwutangaye canke ababajwe n’abantu bariko biruka basa n’abahunga.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.