Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Raba agace gatoyi k’isanamu y’ururimbo "Imvura y’ibi Baby"rwa SatB - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Amasanamu > Raba agace gatoyi k’isanamu y’ururimbo "Imvura y’ibi Baby"rwa SatB

Raba agace gatoyi k’isanamu y’ururimbo "Imvura y’ibi Baby"rwa SatB

vendredi 27 Ruhuhuma 2015

Inyuma y’ururirimbo n’isanamu ya "Satura Amabafle"vyakunzwe cane, Sat B ariko akora isanamu y’ururirimbo yise"Imvura y’Ibi Baby" ibonekamwo ari mu bakobwa benshi bambaye uduhuzu dupfuka igitsina n’amabere gusa.

Nta minsi myinshi iheze asohoye kwa Lizer Classic ururirimbo "imvura y’ibi Baby", ururirimbo rutaramenyekana nk’izindi ndirimbo ziwe. Nk’uko rero umutwe w’ururirimbo ubivuga(Imvura y’ibi Baby), intangamarara y’isanamu(coming soon) ibonekamwo abakobwa benshi bambaye nk’abagira boge muri"piscine"koko baboneka bari iruhande yayo. Sat B wewe aboneka umwanya muto muri ako gace gatoyi k’isanamu y’ururirimbo "Imvura y’ibi Baby"

JPEG - 25.5 ko
Bamwe mu bazoboneka mw’isanamu

Turiko turamurondera Sat B kugira atubwire ibijanye n’integuro y’iyo reresi izoba ibaye iya mbere kuva yiswe IKOHBOY bisigura ko ariko afatwa mu mugongo n’ishirahamwe Ikoh Multiservice.

Raba agace gatoyi k’isanamu y’ururirimbo "Imvura y’Ibi Baby"


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.