Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sat b yuguruye igiteramo areruwe nk’umwami - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Amasanamu > Sat b yuguruye igiteramo areruwe nk’umwami

Sat b yuguruye igiteramo areruwe nk’umwami

mardi 7 Gitugutu 2014

Sat B yakoze igiteramo biboneka ko yari yiteguriye. Abantu isinzi batashoboye kumubona mu giteramo ca nyuma ca Primusic yarabakuriye inkoni ku gishitsi, arabereka ko naho atahashitse yari yiteguye bihagije.

Igiteramo yagirishije kuri uwo w’Imana igenekerezo rya 05 Gitugutu mu kigo ndangakaranga "Musee Vivant" cari citiriwe "Satura Amabafle Concert". Ahanini Sat B yashaka kugarukana icizere ku bakunzi biwe bari bashavujwe n’uko batamubonye mu giteramo ca nyuma ca Primusic 2014. Nk’uko yari yarabitangaje imbere y’abamenyeshamakuru iminsi itari mike imbere y’ico giteramo, Sat b yavuga ko azokwerekana ivyo vyose yari yateguye ku munsi wa Primusic, yongere ashireko n’ibindi yagumye ategura.

Intangamarara y’isanamu hamwe n’amafoto yafashwe n’inzu y’ubuhinyanyuzi "African Sound Records" isanzwe ifitaniye amasezerano na Sat b, ibonekamwo uwo muririmvyi aje areruwe n’umurwi w’abatamvyi biwe. Akaruru kenshi mw’isinzi ry’abakunzi biwe, Sat B yashitse ku ruhimbi rw’abaririmvyi (Podium) arindiranywe igishika cinshi.

Abarundi barayamaze bati:" Nta nyambo ibura agahonzi", amakuru duhabwa na bagenzacu bo ku ndundi.com amenyesha ko igiteramo kitari gifise uruhusha, ariko inyuma y’umwumvikano hagati y’uburongozi bw’igisagara ca Bujumbura n’abategura igiteramo, ibintu vyahavuye bija mu buryo, igiteramo kiraba ukuri kwamye.

Isanamu yose ntirahera gukorwa ariko aha munsi hari agace gatoyi kerekana uko vyari bimeze.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.