Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Mkombozi > inkuru > Mkombozi ari mu rugamba rukomeye rwo gutahuza abansi biwe
Mkombozi ari mu rugamba rukomeye rwo gutahuza abansi biwe
mercredi 28 Nzero 2015
Mkombozi ari mu rugamba rwo gutahuza abatatahuye uririmbo rwiwe rwatumye aja mu kinyegero. Ntiyimirije kuva mu gihugu, ati :" Umuti w’ibibazo si guhunga ahubwo ni uguhangana navyo".

Mkombozi atangura avuga ko atazokora ururirimbo ruvuga ubuzima abayemwo mu kinyegero, ati :"sinzovuga ubuzima mbayemwo, nzovuga ubuzima Abarundi n’Uburundi babayemwo, nico kindanga, sinivuga ndavugira". Mkombozi ntarota ava mu gihugu kuko avuga ko azoguma mu Burundi gushika aho intwaro rusangi (democratie) izoshinga imizi ikava mu mpapuro ikaja mu ngiro.
Ikindi uwo muririmvyi avuga n’uko ariko agerageza gusigura ururirimbo "Nzeyimana" niyo yaheza gutahuza abatarwumvise, azoheza ave mu kinyegero. Abandanya avuga ko abansi biwe batazigera bamusumvya inguvu kuko "Imana iruta ingabo". Ati :"bampora ukuri n’urukundo nkunda Abarundi, nayo ukuri n’urukundo n’Imana, urumva ko naje ndi kumwe n’Imana".
Mkombozi naho yinyegeje nta bwoba afise, tumubajije ico asaba abatwara igihugu yishura ati :"Ico nobasaba n’uko umwe wese yokora akazi kiwe neza", ntawe yadomweko urutoke."
Arangiza avuga ko ari ahantu hameze nko mu Burundi kubera yumva iruhande yiwe abantu bavuga ikirundi.
Tubibutse ko Mkombozi yatanguye guterwa ubwoba inyuma yaho asohorerye ururirimbo "Nzeyimana".
Umviriza ururirimbo Mkombozi yahunze azira
Cherif Nkeshimana
Messages
28 Nzero 2015, 15:53, par Aaron
il y a contradiction muvyo muvuze guko ubwambere muvuga ko avuga ko atimirije kuva mu gihugu aha ubwanyuma naho bikaboneka ko yamaze guhunga aho avuha ari ahantu hameze nko mu Burundi kubera yumva iruhande yiwe abantu bavuga ikirundi.
28 Nzero 2015, 17:04, par umurundi
Aaron erega yanka kuhavuga ko bohava bamusangayo, ariko birumvikana ko yoba ari mu burundi
28 Nzero 2015, 23:26, par None?
Mkombozi na John womuri Karuzi Bose bibereye murwanda hariho igitigiri barindiye kogikwira bace batangazako buguruye murwanda inkambiyimbuzi zabarundi nivyishi mfashumwanya wokubabwira ibirimwobirapangwa vyontwara umwanyamunini.
29 Nzero 2015, 07:18, par Ntacungira
Hugura mu mitwe yabo ba DD nibo bariko baguhiga kubera ukuri kwawe.Ariko imisi yabo nabo irateguye,tuzobagirauko natwe
29 Nzero 2015, 16:44, par ndakenguruts Edmdond
nakomez kwigisha ariko abaraho sicoroshe kugira ngo buve courage
23 Ntwarante 2015, 20:00, par NSENGIMANA
KABISA NDASHIMYE CANE KUKO ATAWEWADOMYEKOURUTOKE KANDI IVYONAVYO VYARABAYE ABABIZI NABO BARABIZI WEWEWAVUZE IVYOWUNVISE
23 Ntwarante 2015, 20:26, par NSENGIMANA
NDASHAKA INIMEROZAWE