Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mkombozi ari mu rugamba rukomeye rwo gutahuza abansi biwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Mkombozi > inkuru > Mkombozi ari mu rugamba rukomeye rwo gutahuza abansi biwe

Mkombozi ari mu rugamba rukomeye rwo gutahuza abansi biwe

mercredi 28 Nzero 2015

Mkombozi ari mu rugamba rwo gutahuza abatatahuye uririmbo rwiwe rwatumye aja mu kinyegero. Ntiyimirije kuva mu gihugu, ati :" Umuti w’ibibazo si guhunga ahubwo ni uguhangana navyo".

Mkombozi atangura avuga ko atazokora ururirimbo ruvuga ubuzima abayemwo mu kinyegero, ati :"sinzovuga ubuzima mbayemwo, nzovuga ubuzima Abarundi n’Uburundi babayemwo, nico kindanga, sinivuga ndavugira". Mkombozi ntarota ava mu gihugu kuko avuga ko azoguma mu Burundi gushika aho intwaro rusangi (democratie) izoshinga imizi ikava mu mpapuro ikaja mu ngiro.

Ikindi uwo muririmvyi avuga n’uko ariko agerageza gusigura ururirimbo "Nzeyimana" niyo yaheza gutahuza abatarwumvise, azoheza ave mu kinyegero. Abandanya avuga ko abansi biwe batazigera bamusumvya inguvu kuko "Imana iruta ingabo". Ati :"bampora ukuri n’urukundo nkunda Abarundi, nayo ukuri n’urukundo n’Imana, urumva ko naje ndi kumwe n’Imana".

Mkombozi naho yinyegeje nta bwoba afise, tumubajije ico asaba abatwara igihugu yishura ati :"Ico nobasaba n’uko umwe wese yokora akazi kiwe neza", ntawe yadomweko urutoke."
Arangiza avuga ko ari ahantu hameze nko mu Burundi kubera yumva iruhande yiwe abantu bavuga ikirundi.

Tubibutse ko Mkombozi yatanguye guterwa ubwoba inyuma yaho asohorerye ururirimbo "Nzeyimana".

Umviriza ururirimbo Mkombozi yahunze azira


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.