IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Mkombozi > inkuru > Mkombozi ati :" Primusic ni iy’abaririmvyi bataramenyekana"

Mkombozi ati :" Primusic ni iy’abaririmvyi bataramenyekana"

lundi 15 Nyakanga 2014

Igihe yari mu rugendo rwiwe mu gihugu c’Urwanda, Mkombozi yakoranye ururirimbo n’umuririmvyi K.Ross Kigoma. Ico gikorwa categuwe amezi abiri arenga. Mkombozi yavugiye aho mu Rwanda ko ihiganwa rya Primusic ryitabwa n’abaririmvyi bataramenyekana.

Mkombozi amaze kwumva ijwi ry’umuririmvyi K.Ross Kigoma, baciye bumvikana ko bokorana ururirimbo. Bamaze kwumvikana, ico gikorwa caracerewe gato kubera Mkombozi yafatiriwe n’ibikorwa vya Primusic. Urwo ruririmbo rugiye gusohoka inyuma y’indwi imwe rwitwa “Nzokuzirikana”, amajwi (Audio) ariko akorerwa mu Rwanda n’umuhinyanyuzi Pachento akorera muri Narrow Road, isanamu nayo izokorerwa i Bujumbura.

Bimwe mu bibazo yabarijwe aho mu Rwanda harimwo igituma adahiganwa muri Primusic, yishuye ko Primusic ari ihiganwa ry’abaririmvyi bataramenyekana, ko wewe ahamagagwa nk’umuserukizi. Ivyo bimeze uko mu gihe mu gihugu c’Urwanda ihiganwa rya Primus Guma Guma ryitabwa cane n’abaririmvyi bamaze kumenyekana.

Tuzobashikiriza urwo ruririmbo rumaze gusohoka.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.