Lolilo yasohoye ururirimbo yise "Nzokudigadiga" inyuma y’iminsi itari mikeyi ya "Final" n’amasanamu y’ururirimbo "Kabiribiri". Mu ruririmbo rushasha, Lolilo ati :" narakwihebeye, unyifatire hose, sinshobora kubaho ntari kumwe nawe.
Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Lolilo > inkuru
inkuru
-
Lolilo yasohoye ururirimbo rwuzuye amajambo y’urukundo asosera amatwi
30 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA -
Lolilo aranegura abaririmvyi bariko basaza atawe baraze umwuga
10 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANALolilo avuga ko arajwe ishinga n’ukuntu abaririmvyi ba kera badafasha abariko bararuka mu mwuga wo kuririmba. Uwo muririmvyi avuga ko ata bumwe buri hagati muribo kuva na kera na rindi. Yipfuza ko abaririmvyi bacaruka boshika aho aba kera bashitse, bagatungwa n’umuziki, nk’uko abaririmvyi bo mu bindi bihugu batungwa n’uwo mwuga.
-
Iyindi reresi ya Lolilo iraja ku mugaragaro: amwe mu mafoto
24 Nzero 2015Umuririmvyi n’umukinyi w’amareresi Lolilo arashira ahabona ireresi yiwe ya kabiri, avuga ko yayikoze igihe gito kandi ikazoja mu rwego rw’amareresi maremare.
Inyuma y’ireresi ya mbere yise "Eagles", Lolilo arashira ahabona ireresi yiwe ya kabiri yitwa "Mwiba". Muri rusangi iyo reresi ivuga ibijanye n’urukundo. Lolilo avuga ko yayiteguye amazi ane kandi iri ku rugero rw’amareresi maremare(Long Metrage) kuko imara isaha imwe n’inusu. Mu gihe himirije isabukuru ry’amareresi FESTICAB, Lolilo ariko (...) -
2014 : Umwaka uheranye n’ingorane n’ibibazo vya Lolilo
4 Kigarama 2014Mu gihe hasigaye iminsi mike kugira umwaka w’2014 urangire, Lolilo avuga ko umwaka uheze ibibazo n’ukutumvikana yarafitaniye n’aba canke bariya biheze. Lolilo azohurira mu giteramo na Diamond Platnumz nk’uko basanzwe ari n’abagenzi.
Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE, Lolilo amenyesha ko yagize ibibazo bitari bike muri uno mwaka w’2014. Muri ivyo aravuga akarwi k’abamenyeshamukuru bashatse kubohera amaboko i mugongo indirimbo ziwe, bakarwanya iterambere ryiwe. Hari n’icuka kitari ciza (...) -
Imbanyi yarimwo imfura ya Lolilo na Loriane ishobora kuba yakorotse
1er Rusama 2014Umutambukanyi wa Lolilo ari kwa muganga ku bitaro vya Prince Regent. Aho arwariye ashobora kuba yagize isanganya, imbanyi yarimwo imfura yiwe na Lolilo irakoroka.
Amakuru duhabwa na Indundi magazine avuga ko Loliane canke Lizzo, umutambukanyi wa Lolilo ari kwa muganga ku bitaro Prince Regent Charles vy’i Bujumbura. Bivugwa ko inda y’amezi atatu yari afise yoba yakorotse. Ikitaramenyekana ni icatumye iryo sanganya rishikira umugore w’umuririmvyi Lolilo.
Turacabandanya dutohoza ayo (...) -
Lolilo ati : "Ni igiteramo si ihiganwa"
16 Nzero 2014Umuziki w’Uburundi urazwimwo abaririmvyi b’ibihangange bamaze gushika kure mu muziki ndetse n’abandi bafatira akarorero. Kw’Itaba kwa Vyisi, Lolilo na Fizzo bazohurira ku ruhimbi .
Ku munsi w’Imana, igenekerezo rya 19 Nzero, muri Kany Empire canke mu Kanyosha, ba baririmvyi mukunda cane Big Fizzo na Lolilo bazohurira ku ruhimbi baririmbirako. Mu gihe hari abibazako abo baririmvyi ari abakeba, ico giteramo bateguriye hamwe n’ico kubeshuza abibwira ivyo.Ku bwa Lolilo ati : «Ico giteramo si (...) -
Lolilo:“Abari mw’idini rya islam bakwiye kwitwararika amabwirizwa y’idini”
9 Myandagaro 2013Mu gihe bisanzwe bizwi ko umuririmvyi Lolilo ari mw’idini rya Islam, umukunzi wiwe nawe Loliane akaba yahoze mw’idini rya ekleziya gatolika , muri ino minsi, idini rya islam rihimbaza Aid el-Fitr, Lolilo, na Loliane, baragize ico bashikirije, bongera bavuga n’ingene bigenjeje mu kiringo c’ukwezi kwa ramadhan.
Loliane yabanje gushikiriza icamutumye ahindura idini yahoramwo, avuga ko yabitumwe n’urukundo akunda umukunzi wiwe Lolilo ari navyo vyanatumye aca afata intumbero yo kumukurikira (...) -
Album ya Lolilo n’umukunzi wiwe Loliane igiye gusohoka
8 Ruheshi 2013Lolilo ni umuririmvyi amaze kumenyekana haba hano mu Burundi no mu makungu. uwo bikaba bizwi ko afise umukunzi yitwa Loliane, ubu nkuko babitangarije ikinyamakuru IGIHE ngo mu minsi mikeyi bamaranye mu rukundo bamaze kugera kubikorwa vy’intashikirwa harimwo nuko bagiye kuzuza album yabo bompi.
Album yabo ngo ikazoba igizwe n’indirimbo cumi na zibiri kandi icumi murizo bakaba barahejeje kuzitunganya ikazoba yitwa “ Umuhoza”. Ivyo bigatangaza cane kuko bamaranye ikiringo c’amezi atanu (...) -
Lolilo avuga yuko yisemye mu ndirimbo yiwe yise “Mbera umu avocat”
15 Ntwarante 2013Lolilo afise indirimbo yamenyekanye cane yitwa “Mbera umu Avocat” muziko ari nayo yitiriye album yiwe iherutse, ubu rero aho aviriye mugasho atangaza ko yasanze yarisemye kuko vyinshi muvyo yavuze muri iyo ndirimbo yisanze vya mushikiye.
Iyo ngo uravye ingene aririmba mbere ukumviriza amajambo ayigize ukaraba n’impamvu zatumye mu minsi yaheze uyu muririmvyi Lolilo afungwa ucubona ko bifitaniye isano kuburyo wogirango yayanditse aziko ivyo bizomushikira.
Kubwiwe nawe avugako yabonye (...) -
Icigwa Lolilo yakuye mugupfungwa kwiwe
14 Ntwarante 2013Lolilo aho apfunguriwe twaramwegereye tumubaza ibijanye n’ipfungwa ryiwe atubwirako agifatwa vyamushavuje cane. Ariko ukuntu yakiriwe n’abakunzi biwe bari bapfungiwe mu gasho ka komine Nyakabiga vyaramunezereye ndetse ahakura n’icirwa.
Lolilo avuga ko yahariye umwigeme yamwagirizako afise inda yiwe kuko mu nyuma y’amatohoza basanze uno mwigeme atibungenze. Arongera akavuga ko kanatsinda ukudodoberezwa bibaho.
Ipfungwa ryiwe rero ngo ryatumye abona ishusho ryiwe mu maso y’abakunzi biwe. Kandi (...)
0 | 10