IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Lolilo > inkuru > Lolilo ati : "Ni igiteramo si ihiganwa"

Lolilo ati : "Ni igiteramo si ihiganwa"

jeudi 16 Nzero 2014

Umuziki w’Uburundi urazwimwo abaririmvyi b’ibihangange bamaze gushika kure mu muziki ndetse n’abandi bafatira akarorero. Kw’Itaba kwa Vyisi, Lolilo na Fizzo bazohurira ku ruhimbi
.

Ku munsi w’Imana, igenekerezo rya 19 Nzero, muri Kany Empire canke mu Kanyosha, ba baririmvyi mukunda cane Big Fizzo na Lolilo bazohurira ku ruhimbi baririmbirako. Mu gihe hari abibazako abo baririmvyi ari abakeba, ico giteramo bateguriye hamwe n’ico kubeshuza abibwira ivyo.Ku bwa Lolilo ati : «Ico giteramo si ihiganwa nk’uko benshi babivuga canke bavyibaza». Urutonde rw’indirirmbo za Lolilo zizovuzwa ntarazimenya neza kuko wewe azoririmba inyuma ya Big Fizzo. Lolilo amenyesha ko rizoba ribaye irya kabiri inyuma y’igiteramo baremesheje kuri Musée Vivant abo baririmvyi 2 bahuriye ku ruhimbi rw’umuziki «Podium». Ku mahera y’amarundi 2000 mu kibanza gisanzwe, n’amahera 3000 mu kibanza c’iteka, muzobona ibitangaza vy’igiteramo kizotangura isaha icenda z’umuhingamo «15h00».

Lolilo n'umukenyezi wiwe

Iruhande y’ico giteramo, Lolilo aguma azana bishasha. Mu nzu ikora indirimbo «High Digital Studio» iri mu Buyenzi kw’ibarabara rya 4, Lolilo ariko ahakorera isanamu «Video» y’ururirimbo «Super glue». Umuhinga karuhariwe, Lolilo akurira inkofero, Gera Man niwe ariko akora iyo sanamu. Gishasha muri iyo sanamu «Video» n’uko izoba ikoze nk’ireresi ngufi «Court Metrage». Uwo muririmvyi abwira abakunzi n’abandi bose bakunda ibikorwa vyiwe ko agiye kubereka ubudasa mu masanamu yiwe.

Lolilo agomba gukora isanamu isumba iyi mubona ya «disque dur»


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.