Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Kwidagadura \BB umucuraranzi \BB Lolilo \BB inkuru
Album ya Lolilo n’umukunzi wiwe Loliane igiye gusohoka
Yanditswe taliki ya 8-06-2013 - isaha 10:53'

Lolilo ni umuririmvyi amaze kumenyekana haba hano mu Burundi no mu makungu. uwo bikaba bizwi ko afise umukunzi yitwa Loliane, ubu nkuko babitangarije ikinyamakuru IGIHE ngo mu minsi mikeyi bamaranye mu rukundo bamaze kugera kubikorwa vy’intashikirwa harimwo nuko bagiye kuzuza album yabo bompi.

Album yabo ngo ikazoba igizwe n’indirimbo cumi na zibiri kandi icumi murizo bakaba barahejeje kuzitunganya ikazoba yitwa “ Umuhoza”. Ivyo bigatangaza cane kuko bamaranye ikiringo c’amezi atanu bakundana naho Loliane akaba yatanguye gufasha umukunzi wiwe ibijanye no kuririmba mu mezi abiri aheze.

Nkuko bakomeje babivuga yuko mu mpera z’uyu mwaka iyi album izoba imaze kuja kumugaragaro kandi zimwe muri izo ndirimbo zikazoba zifise n’amasanamu yazo.
Si indirimbo gusa bariko barakora kuko bariko barategura n’isinema izoba yitwa My Choice (uwo nahisemo) izoba igaragaza cane ibijanye n’urukundo rwabo ngo kuko batanguye abantu babavugako vyinshi, bamwe bavuga ko batazomarana igihe none ubu bageze mugihe bariko bategura urubanza rwo gushingirwa .

Bakomeza bavugako batazahemukirana kandi Lolilo akarangiza ashimira umukunzi wiwe Loliane kuko abona ko amufatiye runini mukumufasha ibijanye n’umuziki ndetse n’ibindi vyose ngo mbere n’uwambere kuriwe ntawundi yomugereranya.

Naho kubwa Loliane ngo azobandanya afasha umukunzi wiwe umuziki kuko awukunda kandi akaba anamukunda akaboneraho akanya ko kumushimira ingene yatumye nawe abona umukunzi, amurutira bose kandi akamuhindurira ubuzima muri vyose.

Ivyiyumviro vyanyu

ndabikunze nibahore ukomurukundorwabo nanjendumukunziwumuziki nkabankunda Lolilo

20.08.2016 à 06:37
wimana

lolilo.na loliane.komer’kumuzik.wanyu?abo bime amatwi!songamber.

17.02.2016 à 12:15
KWIZERA.UWIMANA.

Aka kana karasara ni keza ..gatera na ma cens ooh God fasha iyi couple babane jusqu, a cq aBarundi baba mumahanga nababa mu Burundi dukuda akakana bibi ,,mais turiyamirije son mari ntafate nabi akana gato gucyo .....kandi nanje sindagashigikiye kubona kaja kuri Lolilo ...mais sindakazi kabisa kasi ivyokakwirikiye

5.12.2014 à 04:41
siraa

lolilo ni wambere cool baba lolo hamna waku kukanga

15.04.2014 à 14:36
d-max platnumz

umukombwa ni mwiza ni sawa ko bunvikana ,bakazofashanya. ariko jewe sinkunda indirimbo za lolilo nubuvenge gusa ca ne m,interresse pas et je n,ecoute presque jamais.desole.mais courage!

2.04.2014 à 10:42
nduwimana

mzizi wajiwe komazj

10.01.2014 à 02:36
lil-john

poa kweli patienter pacifiquement tuauras un consolateur umuhoza

30.06.2013 à 16:20
######

uyu mwigeme yazaniye Lolilo umuhezagiro kuko ntivyumvikana uburyo bagiye kuzuza album courage Loliane weeeeeeee tukuri inyuma

8.06.2013 à 11:18
gad

Courage man!!! aba stars bac turabakunda

8.06.2013 à 11:03
kok

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.