IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Lolilo > inkuru > Icigwa Lolilo yakuye mugupfungwa kwiwe

Icigwa Lolilo yakuye mugupfungwa kwiwe

jeudi 14 Ntwarante 2013

Lolilo aho apfunguriwe twaramwegereye tumubaza ibijanye n’ipfungwa ryiwe atubwirako agifatwa vyamushavuje cane. Ariko ukuntu yakiriwe n’abakunzi biwe bari bapfungiwe mu gasho ka komine Nyakabiga vyaramunezereye ndetse ahakura n’icirwa.

Lolilo avuga ko yahariye umwigeme yamwagirizako afise inda yiwe kuko mu nyuma y’amatohoza basanze uno mwigeme atibungenze. Arongera akavuga ko kanatsinda ukudodoberezwa bibaho.

Ipfungwa ryiwe rero ngo ryatumye abona ishusho ryiwe mu maso y’abakunzi biwe. Kandi ngo ntiryabaye impfagusa kuko ryashimangiye iciyumviro c’izina "Mbera Avocat" yatoreye urukurikirane rw’indirimbo rushasha agiye gukora.

Lolilo rero avugako gufungwa yabikuyemwo inyigisho kuko vyatumye abona izina ry’isanamu yiwe agiye gukora izoba yitiranwa na album yiwe iherutse yitwa “Mbera umu avocat”.
ariko imbere y’urwo rukurikirane, yihutiye gusohora indirimbo yitwa "Ndatashe". izokorwa mu misi itatu kuko ashaka kuyirirmba mu giteramo ciwe afise ku munsi wa gatandatu.


Joel Sengurebe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.