Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Lolilo > inkuru > 2014 : Umwaka uheranye n’ingorane n’ibibazo vya Lolilo
2014 : Umwaka uheranye n’ingorane n’ibibazo vya Lolilo
jeudi 4 Kigarama 2014
Mu gihe hasigaye iminsi mike kugira umwaka w’2014 urangire, Lolilo avuga ko umwaka uheze ibibazo n’ukutumvikana yarafitaniye n’aba canke bariya biheze. Lolilo azohurira mu giteramo na Diamond Platnumz nk’uko basanzwe ari n’abagenzi.
- Lolilo mu giteramo cabereye muri Alpha CD Technology
Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE, Lolilo amenyesha ko yagize ibibazo bitari bike muri uno mwaka w’2014. Muri ivyo aravuga akarwi k’abamenyeshamukuru bashatse kubohera amaboko i mugongo indirimbo ziwe, bakarwanya iterambere ryiwe. Hari n’icuka kitari ciza hagati yiwe na Fariouz, aho vyashitse bakanagwana. Ariko ivyo bibazo vyose vyaratorewe umuti, abo bamenyeshamakuru barasubije hamwe nawe. Mu ntumbero yo gusubiza hamwe na Fariouz bagiye hamwe barandika amajambo y’ururirimbo bazoririmbana.
- Igihe yarafitaniye ibibazo n’abamenyeshamakuru
Ku bijanye n’igiteramo co kw’igenekerezo rya 28 Kigarama catumiwemwo umuririmvyi akunzwe cane Diamond, Lolilo avuga ko ategerezwa kuririmbana na Diamond kuko asanzwe ari umugenzi wiwe kuva kera. Ivyo abivuga yishimikije indirimbo zibiri "Najuwa" na "Nkarira" baririmbanye na Lolilo. Lolilo arindiriye ubutumire bw’igiteramo ca Knowless mu Rwanda azojamwo.
Mwomenya ko isanamu y’ururirimbo "Ni wewe" yakoranye na Loriane umugore wiwe izosohoka aho bukera kw’igenekerezo rya 05 Kigarama. Uwo muririmvyi arayishimira cane kuko yemeza ko ikozwe ku rwego rwo hejuru.



Umviriza ururirimbo "Najuwa" rwa Diamond, Lolilo na Olga
Cherif Nkeshimana
Messages
4 Kigarama 2014, 12:47
lolo terimber mutama tukurinyuma c6 c6 aho utumberey hos
4 Kigarama 2014, 20:12, par siraa
Nyimbo kali na nusu .mais Olga nagire yonde ntasa na ba Star .........afume ata na 10 kl lolilo nawe terimbere
27 Kigarama 2014, 20:00, par ndayisenga ally birof
lolilo komera mais ama bifu ntakamaro ni mwumvikan kugir mutezimber umusij wiwac kuber mu bdi muri babiri
9 Rusama 2015, 18:20, par NKUNZIMANA HILAIRE
Bt?.lolilo ndagufana cane,tukuri inyuma men peace and love.
27 Rusama 2015, 14:10, par NDAYISHIMIYE Fabrice
LOLOLO kundana nabose bakwanka kuko niwe ubaruta