Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
2014 : Umwaka uheranye n’ingorane n’ibibazo vya Lolilo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Lolilo > inkuru > 2014 : Umwaka uheranye n’ingorane n’ibibazo vya Lolilo

2014 : Umwaka uheranye n’ingorane n’ibibazo vya Lolilo

jeudi 4 Kigarama 2014

Mu gihe hasigaye iminsi mike kugira umwaka w’2014 urangire, Lolilo avuga ko umwaka uheze ibibazo n’ukutumvikana yarafitaniye n’aba canke bariya biheze. Lolilo azohurira mu giteramo na Diamond Platnumz nk’uko basanzwe ari n’abagenzi.

JPEG - 64.4 ko
Lolilo mu giteramo cabereye muri Alpha CD Technology

Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE, Lolilo amenyesha ko yagize ibibazo bitari bike muri uno mwaka w’2014. Muri ivyo aravuga akarwi k’abamenyeshamukuru bashatse kubohera amaboko i mugongo indirimbo ziwe, bakarwanya iterambere ryiwe. Hari n’icuka kitari ciza hagati yiwe na Fariouz, aho vyashitse bakanagwana. Ariko ivyo bibazo vyose vyaratorewe umuti, abo bamenyeshamakuru barasubije hamwe nawe. Mu ntumbero yo gusubiza hamwe na Fariouz bagiye hamwe barandika amajambo y’ururirimbo bazoririmbana.

JPEG - 53.9 ko
Igihe yarafitaniye ibibazo n’abamenyeshamakuru

Ku bijanye n’igiteramo co kw’igenekerezo rya 28 Kigarama catumiwemwo umuririmvyi akunzwe cane Diamond, Lolilo avuga ko ategerezwa kuririmbana na Diamond kuko asanzwe ari umugenzi wiwe kuva kera. Ivyo abivuga yishimikije indirimbo zibiri "Najuwa" na "Nkarira" baririmbanye na Lolilo. Lolilo arindiriye ubutumire bw’igiteramo ca Knowless mu Rwanda azojamwo.

Mwomenya ko isanamu y’ururirimbo "Ni wewe" yakoranye na Loriane umugore wiwe izosohoka aho bukera kw’igenekerezo rya 05 Kigarama. Uwo muririmvyi arayishimira cane kuko yemeza ko ikozwe ku rwego rwo hejuru.

Loriane, Diamond na Lolilo
Lolilo na Loriane

Umviriza ururirimbo "Najuwa" rwa Diamond, Lolilo na Olga


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.