IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > inkuru > Akajambo Fizzo yakoresheje muri "Konzi" gateye ikibazo muri (...)

Akajambo Fizzo yakoresheje muri "Konzi" gateye ikibazo muri Ikoh

mardi 29 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Bimaze iminsi bivugwa vyongera vyandikwa ku mbuga ngurukanabumenyi ko akajambo "Itakuwa ngumu" Fizzo yashize mu ruririmbo "Konzi" bivugwa koba katosekaje imigenderanire iri hagati ya Ikoh na Big Fizzo n’umuhinyayuzi Kolly The Magic yakoze " Konzi" na Ikoh.

Mbega muri Ikoh babivugako iki?

Amakuru twakuye muri iryo shirahamwe amenyesha ko akajambo "Itakuwa ngumu" gafise amamuko muri iryo shirahamwe. Bavuga ko na Kolly yoba yari abizi ko "Itakuwa ngumu" kavugigwa muri Ikoh.

Si ivyo gusa, muri Ikoh nyene bavuga ko akajambo "Itakuwa ngumu" kahavuye kanahinduka umutwe w’ururirimbo rwa Franck Duniano rugiye gusohoka.

Tubajije ko hoba hari ingorane Ikoh ifitaniye na Fizzo hamwe na Kolly, batwishuye ko atayiriho. Ariko barongera ko atari vyiza mu gihe bishobora kwica akanovera k’ururirimbo mu gihe amajambo arugize asohotse imbere yarwo. Ikindi bavuga n’uko batari guhindura urwo ruririmbo mu gihe integuro yarwo yari igeze kure.

Tugiye kubaza Kolly The Magic kugira nawe agire ico ashikirije kuri ico kibazo.


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.