Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > inkuru > Fizzo yerekanye ivyo yanditse muri "Tatouages" yiwe nshasha
Fizzo yerekanye ivyo yanditse muri "Tatouages" yiwe nshasha
jeudi 26 Gitugutu 2017, par
Ku kuboko kw’ibubamfu, haboneka ko Fizzo yanditseko ijambo "Per Sempre". Iryo jambo riri mu ruririmi ryo mu gihugu ca Portugal, rikaba risigura "Ku bw’ibihe vyose". Naho biri uko, nta nsiguro itomoye y’iryo jambo Fizzo arashikiriza.
Si ivyo gusa, hejuru y’izo nyandiko, Fizzo yanditseko igihahuro "+257". Ico giharuro kikaba gisanzwe gikoreshwa mu guhamagara biciye kuri za ngendanwa, kikaba ikimenyetso c’Uburundi muvyo guhamagara. Igiharuro +257, cakoreshejwe kandi na Fizzo mw’izina ry’umurwi wiwe w’abatamvyi "+257 Band".
![](local/cache-vignettes/L672xH1195/pix_fizzo-f7e65.jpg?1550775544)
Uwo murwi (+257 Band) akaba ariwo ugiye gukorana nawe ibiteramo vya karaoke mu mpera z’ukwezi kuza.
Turiko turondera abajejwe gutanga amakuru kwa Fizzo kuigira batange insiguro zikwiye kuri ayo majambo yanditse ku kuboko kwiwe.
Tubibutse ko ayo majambo yayandikishije ku kuboko kwiwe (Tatouag) mu gihe yari mu gihugu c’Ubutariyano, aho yari yatumiwe mu biteramo.
Cherif NKESHIMANA
Messages
7 Rusama 2018, 23:15, par siriyake cank wasiri
Andika hano FIZZO JEWE ICONDAGUSAVYE RABA ABASANI BATOBATO UBAFANDIKIZE BAJEHEJURU NTUBIBAGIRE NGO UBIRENGAGIZE .kandiraba abantubamerewenabi uz urabafasha