Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > inkuru > Fizzo yatumiwe gushigikira Charly&Nina mu rubanza rukomeye (...)
Fizzo yatumiwe gushigikira Charly&Nina mu rubanza rukomeye bimirije
samedi 4 novembre 2017
The bantu Bwoy yabaye umutumire w’iteka mu giteramo rurangiranwa categuwe n’abaririmvyi Charly na Nina bo mu Rwanda. Muri ico giteramo, hatumiwemwo kandi n’abandi baririmvyi batari bake bo mu Bugande nka : Juliana Kanyomozi na Geosteady bakoranye ururirimbo "Owooma" rwabiciye bigacika mu karee ka Afrika y’Ubuseruko.
![](local/cache-vignettes/L672xH672/ch_nina-6eb08.jpg?1550928607)
Hatumiwemwo kandi na Dj Pius umwe mu ba Djs bakomeye aho mu Rwanda hamwe n’abaririmvyi Yvan Buravan na Andy Bumuntu.
Igiteramo Fizzo yatumiwemwo categuwe na Charly na Nina mu ntumbero yo gushira k’umugaragaro urukurikirane rw’indirimbo yabo ya mbere bise "Imbaraga.’’
Tubibutse ko Fizzo yakoranye n’abo bakobwa ururirimbo rwakunzwe cane rukanatuma bamenyekana cane "Indoro".
Ico giteramo kizoba kw’igenekerezo rya mbere Kigarama mu Rwanda kigiye mu rutonde rw’ibiteramo bikomeye Fizzo akoze mu mwaka w’i 2017. Aha tuvuga ibiteramo bikomeye vyabereye mu Burundi aho Fizzo yama ari umutumire akomeye.
Akarorero n’ibiteramo vyakozwe n’umurwi w’abaririmvyi bo muri kenya Sauti Sol, igiteramo cakozwe n’abaririmvyo bo muri Tanzaniya Navy Kenzo hamwe n’ibiteramo bikomeye vyateguriwe mu Burundi nka Ndunda na Buja Fm hamwe na RTN Music Awards.
Subira mwumvirize ururirimbo "Indoro" Fizzo yakoranye na Charly&Nina
Cherif NKESHIMANA
Messages
8 avril 2018, 13:57, par Nkurunziza emery
Fizz numugabo kuk ivy akor bikor bake
28 juin 2018, 15:20, par Eric Niyongabo
Jew ndakunda umuririvy fizzo ariko indirimb ziw nshasha sindazironka