Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > inkuru > Big Fizzo yatumiwe mu giteramo mu Butariyano
Big Fizzo yatumiwe mu giteramo mu Butariyano
mardi 3 Gitugutu 2017, par
Amakuru atangwa na Raissa, umwe mu bajejwe gutanga amakuru kwa Fizzo, avuga ko uwo yiyita "Bantu Bwoy" azoba ari mu Butaliyano mu giteramo co kw’igenekerezo rya 14 Gitugutu 2017. Raissa avuga ko ico giteramo categuwe n’ishirahamwe Una Mano Per La Speranza (ONLUS) rifasha abana bafise indwara ya Autisme. Iryo shirahamwe rero rigashaka ko amahera azova muri ico giteramo amwe azotwara Fizzo, ayandi aje gufasha abana bafise ya ndwara ya Autisme.
Igiteramo ca Fizzo mu Butaliyano kiri mu biteramo vya mbere bizimvye akoreye ku mugabane wa Buraya. Ivyo bikabonekera kw’itike yo kwinjira riri ku mahera ijana y’amanyaburaya (€100).
Fizzo ari mu baririmvyi ba mbere mu Burundi bagize ibiteramo vyinshi muri uno mwaka. Ivyo bibonekera mu biteramo bitandukanye yatumiwemwo vyabereye mu Burundi. Uburorero ni bwinshi : igiteramo ca Dunda na Buja Fm, igiteramo categuwe na RTNB, igiteramo caremeshejwe n’umurwi Navy Kenzo wo muri Tanzaniya, igiteramo caremeshejwe n’umurwi Sauti Sol wo muri Kenya, n’ibindi bitandukanye.
Tubibutse ko haraye hasohotse ururirimbo Fizzo yakoranye n’umuririmvyi Kingorongoro "Nananana", mushobora kurwumviriza aha munsi.
Cherif NKESHIMANA
Messages
27 Ndamukiza 2018, 18:20, par Tuyishime Sedrick
Mbariza Big Fizzo Koyoturonsa Inimero Ziwe?
2 Rusama 2018, 17:58, par you bet
fizzo turamuku ndacane uwumwank mwandureko?
7 Rusama 2018, 23:00, par siriyake canke wasiri
Andika hano fizzo turamwemera.kandi turamufana.noneko akora ibiteramomovyishi noneko atajamuritanzaniya.nikuberiki? ikindinosabafizzo narabe asitar bataramenyekana.kubera uburyobuke abafashe nabobagire ahobagez muburundi dute ibihangange bikomey oke
24 Nyakanga 2018, 16:32, par Mutabazi Cleophas
Fariouz Ni Umustar Wiwacu Kand Arashoboy Ahubwo Twasab Yuko Yoz Aradushirira Ku Ma Site Indirimbo Nshasha Ziw.Murakoz