IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > inkuru > Big Fizzo yatumiwe mu giteramo mu Butariyano

Big Fizzo yatumiwe mu giteramo mu Butariyano

mardi 3 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Amakuru atangwa na Raissa, umwe mu bajejwe gutanga amakuru kwa Fizzo, avuga ko uwo yiyita "Bantu Bwoy" azoba ari mu Butaliyano mu giteramo co kw’igenekerezo rya 14 Gitugutu 2017. Raissa avuga ko ico giteramo categuwe n’ishirahamwe Una Mano Per La Speranza (ONLUS) rifasha abana bafise indwara ya Autisme. Iryo shirahamwe rero rigashaka ko amahera azova muri ico giteramo amwe azotwara Fizzo, ayandi aje gufasha abana bafise ya ndwara ya Autisme.

Igiteramo ca Fizzo mu Butaliyano kiri mu biteramo vya mbere bizimvye akoreye ku mugabane wa Buraya. Ivyo bikabonekera kw’itike yo kwinjira riri ku mahera ijana y’amanyaburaya (€100).

Fizzo ari mu baririmvyi ba mbere mu Burundi bagize ibiteramo vyinshi muri uno mwaka. Ivyo bibonekera mu biteramo bitandukanye yatumiwemwo vyabereye mu Burundi. Uburorero ni bwinshi : igiteramo ca Dunda na Buja Fm, igiteramo categuwe na RTNB, igiteramo caremeshejwe n’umurwi Navy Kenzo wo muri Tanzaniya, igiteramo caremeshejwe n’umurwi Sauti Sol wo muri Kenya, n’ibindi bitandukanye.

Tubibutse ko haraye hasohotse ururirimbo Fizzo yakoranye n’umuririmvyi Kingorongoro "Nananana", mushobora kurwumviriza aha munsi.


Cherif NKESHIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.