IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > inkuru > Fizzo agiye kuzokwama aboneka muri karaoke

Fizzo agiye kuzokwama aboneka muri karaoke

mercredi 9 Myandagaro 2017

Mu mpera z’indwi iza, kw’igenekerezo rya 19 Myandagaro, Bantu Bwoy azoba ari guteramisha abanya Kinyinya mu ntara ya Kirundo, kuva igihe c’isaha umunani gushika icumi na zibiri z’ijoro. Muri ico giteramo, azofadikanya na Bidondo hamwe na Cypro Light hamwe n’iyindi mirwi itandukanye y’abatamvyi.

Iyindi nkuru n’uko Fizzo agiye kuzokwama ateramisha abakunzi biwe muri Karaoke muri Bamboula. Ivyo azobikorana n’umurwi wiwe w’abatamvyi bivugwa ko uzokwitwa 257 Band. Ivyo bizokwama biba ku minsi yose ya gatandatu.

Tubibutse ko Fizzo yaheruka kuboneka mu giteramo ca Dunda na BujaFm, azoba kandi ari mu giteramo co gusozera ihiganwa rya RTNB, azoba ari kw’igenekerezo rya 26 Myandagaro.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.