Home > Kwidagadura > umucuraranzi > Rally Joe > inkuru > Umuririmvyi Rally Joe yoba ari mu biki?
Umuririmvyi Rally Joe yoba ari mu biki?
Tuesday 21 November 2017
Umuririmvyi Rally Jo abwira abakunzi biwe ko aticaye na gato, ahubwo ariko ategura kurangiza umwaka neza. Mur’ukwo kurangiza umwaka, Niyinzi avuga ko ariko arangiza gukora urukurikirane.
Urwo rukurikirane ruzoba rugizwe n’indirimbo umunani. Tumubajije amazina ya zimwe muri zo, Rally Jo atubwira ko ari agaseke kazopfundururwa ku munsi wo gushira ahabona urwo rukurikirane.
Naho bir’ukwo, urukurikirane rwafashe izina "Akabaza", iryo zina nyene rikaba ari rimwe mu mazina y’indirimbo zizoba zigize urwo rukurikirane. Ikindi Rally Jo avuga n’uko izo ndirimbo yazikoranye n’abahinyanyuzi batandukanye, harimwo uwitwa Peniel. Uwo wa nyuma akavuga ko yamutoye kubera ari umuhinyanyuzi bakorana neza kandi bumvikana, akanamugisha inama kugira bakore neza.
Mur’urwo rukurikirane nyene, Rally Jo avuga ko ata gihindutse video zishika kuri zibiri zizoba zakozwe, naho ibihe vy’imvura bitorosha ifatwa ry’amasanamu.
- Umuririmvyi Rally Joe
Urwo rukurikirane ruzoba rubaye urwa kabiri, inyuma ya "Reka Ntahe" rwamenyekanyemwo cane indirimbo "reka ntahe", " Nzoza’ canke "kuri ka kagezi". "Akabaza" rushobora kuzosohoka kw’igenekerezo rya mirongo ibiri na gatanu Kigarama (25/12/2017).
Umviriza aha munsi ururirimbo "reka ntahe" rwatwaye urukurikirane rwa mbere
Cherif NKESHIMANA