Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Kwidagadura \BB umucuraranzi \BB Rally Joe \BB inkuru
Rally Jo arahoza abarokotse ku mvura y’isegenya
Yanditswe taliki ya 11-03-2014 - isaha 10:21'

Umuririmvyi Rally Jo ari kumwe n’abandi baririmvyi batari bake baba mu Kamenge bagiye hamwe bikora mu gahogo baririmba ururirimbo rwo guhoza abahuye na rya segenya ryahitana abantu n’ibintu.

Ururirimbo "Mpore" rwakozwe n’umuhinyanyuzi w’amajwi Patrick Pro, ruca rukorerwa amasanamu na Adomix. Rally Jo ari kumwe n’abaririmvyi bataramenyekana cane mu ruganda rw’abaririmvyi b’abarundi, bashatse guhoza abasigaye mu gahinga inyuma y’isuri ryo mu Gatunguru. Amazina ya bamwe mu baririmbanye na Rally Jo: Docter Jay, Dear Peros, Kalao, Pelis, Lena Nex.

Tumubajije igituma yahisemwo kuririmbana n’abataramenyekana cane mu muziki kandi tuziko akorere ko mu Buraruko bw’igisagara ca Bujumbura, hari abaririmvyi benshi kandi bazwi cane, nka ba Farious, kidum n’abandi, Rally Jo yishuye ati:" izo zibika zari amagi, abo nabatoye kugira nabo baronke akanya ko gufata micro, maze nabo bamenyekane".

Ururirimbo "Mpore" turiko turarundera, turubashikirize ariko mukurindira mube murumviriza ururirimbo rwakunzwe cane rwa Rally Jo "nzoza".

Ivyiyumviro vyanyu

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.