IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Rally Joe > inkuru > Rally-joe yarerekanye ko yatwaye Primusic abikwiye

Rally-joe yarerekanye ko yatwaye Primusic abikwiye

mardi 19 Ruhuhuma 2013

Umuririmvyi Rally-joe yeretse abakunzi biwe bo mu ntara ya Cibitoki ko yatahukanye igikombe ca primusic agikwiye kuko yarabasusurukije biracika.

Rally –joe yaratangaje abandi baririmvyi kuko wewe yivugiriza live, bisigura ko yari yifitiye abacuranzi b’inanga zitandukanye n’ibindi kandi b’abahinga ku buryo abantu bose babishimye cane baravyina bararirimba birakomera ku buryo hageze k’umunsi wa kabiri w’igiteramo uwurongoye yabaza abafana ngo tuzane nde? Bose bakavuga bati muzane Rally-joe live umwe wa reka ntahe.

JPEG - 50 ko

Kubwiwe yavuzeko yabitewe nuko yaje yabishize mu nteguro yo kunezeza abakunzi biwe no kwerekana ko igikombe yatwaye yari agikwiye kuko azi ko hari benshi baba babivuzeko uko bishakiye ,yaberetse rero ko yakironse kubera ubuhinga bwiwe no kwitaho kuvyo akora.

JPEG - 54.4 ko

Yavuze ko yumva ategekanyanya vyinshi mu minsi iri mbere ku bakunzi biwe ngo cane cane gutegura no kwitaba ibiteramo mu ntara zitandukanye kugirango aje gushimira abakunzi biwe batumye aronka agashimwe ka primusic muri 2012.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.