Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rally-Joe yaga hasi mu gusaba imbabazi abakunzi biwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Rally Joe > inkuru > Rally-Joe yaga hasi mu gusaba imbabazi abakunzi biwe

Rally-Joe yaga hasi mu gusaba imbabazi abakunzi biwe

lundi 25 Munyonyo 2013

Umurirmvyi Rally-Joe arasaba imbabazi abakunzi biwe. Imvo akaba ari ukuba atabaye mu giteramo yari yatunganije mu Kinama kw’igenekerezo rya 16 Munyonyo isaha 9 z’umuhingamo. Iryotarike akaba yahuye n’ivyago mu Kayanza ariko amanuka i Bujumbura.

JPEG - 25.4 ko
Rally-Joe

Igenekerezo rya 19 Munyonyo ryageze ari i Kamaragambo mu ntara ya Muyinga. Aho mu Buraruko bw’Uburundi akaba yari yagiye kuba umusasirabikorwa mw’ihiganwa ry’intambo. Ihiganwa ryahuza imirwi itamba 6. Rally-Joe nawe akaba yari yagiye aherekejwe n’umurwi Black Snakes, umurwi uzwi cane i Bujumbura.

Nkuko Rally-Joe yabitwiganiye, yagize ivyago ari mu nzira iva i Muyinga igana ugisagara ca Bujumbura. Inyuma y’iryo higanwa ry’i Kamaramagambo, yamanutse anyaragasa ngo aremeshe igiteramo co mu Kinama. Igiteramo yari yatumiyemwo abaririmvyi bagenziwe nka Mkombozi, na Chanelle bita kandi Chany Queen. Isaha y’icenda yageze atanumwe ararabukwa umuririmvyi nyene igiteramo Rally-Joe. Bamwe bikora kuri terefone ngendanwa bamuhamagara. Rally-Joe nawe ati: “ndaje”. Aho ntiharibwagere aho ibintu bihinduka. “Imigambi y’abantu siyo y’Imana”, Rally-Joe akaba ariko yagize afise n’akababaro kenshi. Ageze mu Kayanza, mu rugendo rwerekeza Bujumbura, imodokari yari ireruye Rally-Joe yarakwamye, irapfa irashika, urugendo ruba rurahagaze.

Muri ico gihe Rally-Joe yarahuye n’ivyago mu Kayanza, mu Kinama igiteramo cari carese. Abari abatumire, Mkombozi, Chany Queen, bari bafashe ibintu mu minwe maze barakora ibishoboka mu kuryohera abari bitavye ico giteramo. Iterefone ngendanwa ya Rally-Joe yo yaguma ikomanga akaruru, abantu bamwakura bamubaza iyo ari. Yarengewe, kukuburanirwa, inyishu Rally-Joe yaha bose barnwakura yari: “Ndashitse”. Ariko, igiteramo co kuri uwo w’Imana caratanguye kirinda gihera, Rally-Joe atabonetse. Rally-Joe akaba yahavuye amanuka i Bujumbura ku munsi wa kabiri.

Ni kuri ivyo vyabaye, umuririmvyi Rally-Joe ataka agatakambira abakunzi biwe ngo bamugirire imbabazi kuri ivyo vyabaye. “Numva nopfukama imbere y’abakunzi banje ndabasaba imbabazi, kuko narabashayeko naho bitamvuyeko. Kandi barazi ko nari nabatumiye ndabashaka, n’ico gituma ntari kureka kuza kuryoheranwa nabo”, nguko uko Rally-Joe yasavye imbabazi yuzuye akababaro kenshi. Avugako atokwubahuka gusiba igiteramo yatunganije. Iyo bitaba ivyago vyamushikiye, Rally-Joe ararahira akanana ko atoshobora gusiba igiteramo.

Ivyago ntivyamukuyeko ijisho, Rally Joe amaze gushika i Bujumbura, n’uburuhe n’akantu, yasinziriye umukondorazosi. Aho rero abasuma baciye birara mu twiwe aramusahura. Barivye ivyuma imwe bimwe mu vyo akoresha. Na none iyo atavyuka ngo abateshe, abaraho n’igitanda aryamyeko ntibari kukigera umutwe. Abo basahuzi, Rally-Joe akaba atashoboye ukubamenya.

JPEG - 53.5 ko
Rally-Joe

Chérif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.