Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Rally Joe > inkuru > Rally Joe na Lolilo ntangorane bafitaniye
Rally Joe na Lolilo ntangorane bafitaniye
lundi 29 Ndamukiza 2013
Haraheze iminsi umuririmvyi Lolilo asohoye indirimbo yitwa “Ndatashe”. Kuva aho iyo ndirimbo isohokeye abantu benshi baciye batangura kuvuga ko isa n’iyitwa “Reka ntahe” ya Rally Joe , bica bituma havugwa ko hagati y’abo baririmvyi babiri , icuka atari kiza. Ariko amakuru ikinyamakuru Igihe.bi yatohoje agaragazako ivyo bivurwa atarivyo.
Kubwa Rally Joe , avuga ko iyo ndirimbo ya Lolilo ataho ihuriye n’iyiwe kuko ukuba amazina agomba gusa bidasigura ko ari zimwe. Avuga kandi ko mu ntumbero afise mu muziki , adashaka kugira ingorane na bagenzi b’abaririmvyi , kuko ivyo bisubiza inyuma umuziki.
Abandanya avuga ko, ngo nubwo izo ndirimbo zibiri zigomba gusa , we ntaruhombo abibonamwo kuko ntibimutesha agaciro canke ngo bigateshe agaciro indirimbo yiwe. Ahubwo bituma arushirizaho gutera imbere mu muziki kuko , ko ivyo aba yarakoze bishobora guca bikenerwa n’abandi ku buryo bavyifashisha no mu gukora ibindi.
Lolilo nawe avuga ko igihe yakora iyo ndirimbo yiwe “ Ndatashe”, atariko yiyumvira “Reka Ntahe” ya Rally-Joe. Vyongeye, ngo uretse abapfa kuvuga ivyo bishakiye, be na Rally-Joe bemeranya ko izi ndirimbo atakibazo ziteye narirya iyi ndirimbo “Ndatashe” yakunzwe n’abantu benshi mbere na Rally Joe arimwo.
Joel Sengurebe