IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Rally Joe > inkuru > Umwaka w’2013 wabaye mwiza kuri Rally Joe

Umwaka w’2013 wabaye mwiza kuri Rally Joe

mardi 26 Munyonyo 2013

Ibiteramo Rally Joe yagiye agirisha hirya no hino mu gihugu eka n’amahiganwa yagiye atumirwamwo gushigikira, vyaramuhaye ivyumviro kuko yaza ahura n’abantu n’ibintu bitandukanye. Yarabonye bishasha. Aramenyesha bimwe bimwe, mu vyo yakoze uyu mwaka n’ivyo asigaje gukora muri iyi minsi mikeyi isigaye kugira umwaka urangire.

Inyuma y’amahiganwa ya Primusic aho Niyinzi Joe Rally azwi kw’izina rya Rally Joe yari yatowe nk’umuremeshahiganwa wa Brarudi, yaragize amahirwe yo kuja mu ntara zose z’igihugu ciwe, kikaba ari ikintu yishimira cane kuko vyamutumye yiyumvamwo cane Uburundi.

Mu nyuma y’i Kamaramagambo mu ntara ya Muyinga, aho yari yagiye gushigikira amahiganwa y’abatamba, yarafise igiteramo mu Kinama naho atashoboye kucitaba ku mvo zitamuvuyeko, aho naho yarasavye imbabazi abakunzi biwe. Mu ndwi iheze naho yari mu ntara ya Bubanza ahitwa kwa Ngezi, ico yagaye n’ukwo ikibanza yagiriyemwo igiteramo cabaye gito cane gushika aho abantu bari bitavye batashoboye kuronka aho bahagarara. Hanini arashima.

Rally Joe amenyeshako afise akazi kuko ibiteramo aziga kugirisha mu minsi itarenga 30 ari vyinshi cane. Atumenyesha ibitari bike mu vyo agiye gukora. Ica hafi kiri kw’igenekerezo rya 15 Kigarama, mu nzu y’ibiteramo ya SOS, azobica bicike hamwe na 2ten. Inyuma y’iminsi itarenga 10, ashobora kuzoba ari mu ntara ya Makamba, hanyuma ace apfunga umwaka mu giteramo ca gakura gishobora kuba kw’igenekerezo rya 30 Kigarama 2013. Kizoba ari mboneka rimwe i Burundi, aho azoba ari kumwe n’abaririmvyi bo mu gisagara ca Kigoma muri Tanzaniya bakunzwe cane mu indirimbo“Kigoma All Stars”, hari n’ikindi azokora kubw’ishirahamwe SWAA Burundi ariko igenekerezo ntiriramenyekana neza. Ku bijanye n’ivyo biteramo, tuzoza tubamenyesha vyinshi kuri vyo.

Hagati aho, ariko ategura gusohora amasanamu y’indirimbo. “Mpishuka” iriko ikirorerwa kwa Black Arthur, “Apple” yaririmbanye na Afisa iriko ikorwa na Patrick, na “Agafi”. Izo ni mu ndirimbo nshasha. Nk’uko akunze ku bigira, Rally Joe arasubiramwo zimwe zimwe mu ndirimbo yakoze agaca aziha amasanamu, “Mbwira ego canke oya” ariko ayikorera amasanamu. Rally Joe agiye no gusohora indirimbo mpimbazamana”Haguruka” yakoreye kwa Adomix.

Arimbuye ivyo yakoze muri uyu mwaka ugiye kurangira, asanga ivyo yari yarateguye gushikako yarabishitseko. Umwaka yishimira cane kuruta iyindi. Muri kazoza, ategekanya kugira umurwi wiwe bwite (Orchestre) kandi ivyo bizotangurana na Nzero 2014.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Nakomere muvyo akora IMANA imuje imbere,ariko jewe ntabwo mukunda nagato hamwe n’indirimbo ziwe nsishaka nokuzumva,ndabasavye ntimumbaze igituma ntamwiyumvamyo,Ok

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.