Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Beyonce ararengerwa n’ukurenga ibigo kwa se wiwe aguma avyara (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Beyonce > Nouvelles > Beyonce ararengerwa n’ukurenga ibigo kwa se wiwe aguma avyara (...)

Beyonce ararengerwa n’ukurenga ibigo kwa se wiwe aguma avyara hanze

jeudi 10 Mukakaro 2014

Beyonce ariko aca mu bihe bitoroshe vy’ubuzima. Inyuma y’imigambi yo kwahukana n’umugabo wiwe Jay Z, haje umukobwa kwagiriza se wiwe ko yamuvyayeko umwana. Uwo nawe asaba ko uwo mugabo yemera umwana, kandi akamuha n’ibirezo.

JPEG - 42.4 ko
Beyonce na se wiwe Mathew Knowles

Haheze iminsi hari ukutumvikana kurimwo kwahukana hagati ya Beyonce na Jay Z bitumwe n’ukwikeka ko Jay Z arenga ibigo. Ivyo bitarahera, ubu agiye gufasha se wiwe Mathew Knowles urugamba arimwo. Urwo rugamba arimwo si urundi : TaQoya Branscomb, umukobwa anyabuye (Manniquin) yitwariye se wa Beyonce ko yamutwaje inda mu mwaka w’2010 amuvyara ko umwana. Ubu rero asaba ko Mathew Knowles atanga ivyo gutunga umwana, ahirahiye akabihakana bace bapima amaraso. Ico gihe yatwaza inda TaQoya Branscomb, umugore wiwe Tina Knowles, nyina wa Beyonce na Solange yaciye yahukana kandi ataramenya imigenderanire bafitaniye, ariko yarikeka cane umugabo wiwe.

Mwomenya ko Mathew Knowles asanzwe afitaniye umwana w’umuhungu na Alexandra Brigtht. Kuva ico gihe, Mathew atanga kuri uwo mwana ibirezo bingana amafaranga 2485 vy’amadorari ku kwezi. Ubu rero Beyonce ari muyabize kuko ntabona neza iyo se wiwe azokura amahera yo gutunga uwo mwana wundi bamuzaniye. Ku bwiwe, n’ingorane ziyongereye mu zindi.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.