Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Beyonce > Nouvelles > Beyonce yatewe iteka mu igihugu ca Amerika
Beyonce yatewe iteka mu igihugu ca Amerika
jeudi 10 Nzero 2013
Umuririmvyikazi wo muri Amerika Beyonce, yaratowe ngo azoririmbe indirimbo ihayagiza igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika mu birori vyo kwimika umukuru w’igihugu Barack Obama bizoba kw’igenekerezo rya 21 nzero 2013.
Umupfasoni Beyonce asanzwe aririmba mu mudiho wa R&B, akaba ari n’umugenzi w’umuryango w’umukuru w’igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika niwe azoririmba idirimbo ihayagiza igihugu mu birori vyo kwimika umukuru w’igihugu Barack Obama bizoba kw’igenekerezo rya 21 nzero 2013.
Ivyo vyamenyeshejwe kuri uno wa gatatu n’umurwi ujejwe gutegura ivyo birori. Imbere y’abategetsi benshi batowe mu gihugu ku murwa mukuru wa reta zunze ubumwe za Amerika Beyonce azoba ari muri ivyo birori vy’agakura vy’intibagiranwa.
Mu bandi bazoba bitavye ivyo birori harimwo Kelly Clarkson na James Taylor nabo bakaba bazoririmba bakurikiye Aretha Franklin yari yaje mu mwaka wa 2009. Beyonce rero ari kumwe n’umugabo wiwe Jay-z bakaba barakoze igikorwa gikomeye mu myiyamamazo ya Barack Obama mu mwaka uheze wa 2012 kuko buca haba amatora bari batunganije igiteramo co kumenyekanisha abari mu mugambwe w’aba democrats I New York.
Umwaka wa 2013 utanguye neza ku muririmvyi Beyonce kuko ari nawe azoteramisha umunsi wo kurangiza ihiganwa ry’umupira w’amaguru muru reta zunze ubumwe za Amerika naryo riri mu yarabwa cane muri Amerika ku mwaka hakazoba ari mu kwezi kwa Ruhuhuma kuza.
Twobibutsa ko mu mwaka wa 2009 Beyonce yaririmvye kugeza n’aho Obama n’umukenyezi wiwe bava hasi bagatamba.
Grâce Irimbere