IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Beyonce > Nouvelles > Beyonce ashobora guhagarika kuririmba kubw’abana biwe

Beyonce ashobora guhagarika kuririmba kubw’abana biwe

mercredi 13 Ruhuhuma 2013

Beyonce ntiyumva ananiwe n’akazi kiwe. Uwo muririmvyi ashaka kuba uwidegemvya kandi azohagarika akazi kiwe aho azobigombera.

Uwo muririrmvyi azwi cane, mukiganiro yatanze mukinyamakuru Vogue,yaravuze ko azohagarika akazi kiwe niyumva abishatse bihwanye n’ibiza imbere m’ubuzima bwiwe.

Mubiza imbere mub’ubuzima bwa Beyonce ubu , ni umuryango wiwe. Uwo mutambukanyi wa Jay-Z yabwiye ico kinyamakuru ko ategekanya kuronka abandi bana ,aho niho bazoshobora kumwemeza guhagarika akazi kiwe.

« Sintegerezwa kunezereza abandi, numva ntekanye,ndakuze nshobora gukora ico nshaka.Mvuga ivyo nshaka.Mpagarika akazi nshaka nico gituma nkora cane ».

Nk’uko yabisiguye, Beyonce yahaye ikibanza kinini mu buzima bwiwe umukobwa wiwe Blue n’abandi bana agiye kuronka. Azoshobora kugira akaruhuko ahejeje gusohora indirimbo ariko arategura.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.